Geneviève Icoyitungiye: Nahora ndi umupangayi none ubu ndapangishije kubera kudandaza irengarenga n’intore

Nahora ndi umupangayi none ubu ndapangishije kubera kudandaza irengarenga n’intore

Akenshi muri quartier turakunze kwumva abatembereza ivyo kurya ku mutwe .Bamwe wumva bavuga ngo : »za ntore za ntore,za rengarenga za rengarenga…. ».Umuryango wa Jean Ntawe na Geneviève Icoyitungiye babikoze imisi itari mike.Kubera babikoranye umwete Ubu bakorera mu kibanza,baguze parcelle ku Mugoboka kandi i ruhande yo gutunga Umuryango bafise n’ibitungwa

.Intahe.

Geneviève Icoyitungiye na Ntawe Jean badandariza muri zone Nyakabiga yo mu gisagara ca Bujumbura neza na neza ahitwa ku Kasoko musi y’ikigo ca Kaminuza  y’Uburundi co ku Mutanga.

Uruganda rwa Burundi  jobs rwarabagendeye maze barwiganira ingene babayeho kubera ako kazi gakengererwa na benshi.Nkuko ndavyemeza,Ntawe na Geneviève Ubu bafise abana 5 kandi bose bariga,yaba ugufungura canke ukwambara nta kindi kibafashe atari ivyo barangura ku mutebo kenshi babizana ku mutwe.

Ntawe Jean ,umugabo wa Geneviève arashigikira umugore wiwe kuko saa kumi z’ijoro niho baja kurangura kw’isoko kwa siyoni.Urwo rugendo narwo ngo rurimwo ibisuma nta mugore yohaca we nyene yohava ahura n’ibisuma.

Nico gituma Ntawe Jean yama aherekeza umufasha wiwe mu kuva ku Mugoboka kugeza bukeye.Vyemezwa na Geneviève umugore wa Jean .

Naho noronka akazi gahemba 200.000frbu sinokwemera guheba runo rudandazwa rwanje

Muri kino kiganiro uruganda rwa Burundi jobs rwashatse kumenya ingene uwo muryango watanguye urudandazwa ruwufasha kwikenura muri vyose.Niko kubaza Ntawe Jean  uko bari babayeho.Nawe ati: »Twempi tuvuka mu Kayanza,inyuma y’imisi twubakanye n’umufasha wanje ,akazi narimwo karahagaze twe n’umukenyezi  wanje duca dutangura runo rudandaza ,tuvyaranye gatanu Ubu haciye imyaka 12.Ico gihe twari dupanze mu Nyakabiga ya mbere,inzu zikaguma ziduga ,aho twarahavuye tuja ku Mugoboka.Niho tukiba nubu ,ikiryoshe nuko tuba iwacu.Bukebuke twariguriye parcelle ku Mugoboka ,turayubakisha,natwe Ubu dufise abaturiha inzu ku kwezi.

Vyagenze gute?

Ntawe Jean na Geneviève akabanga katumye bagira iterambere,kwabaye ugushira hamwe mu bubakanye.Ntawe  avuga ati: »Twebwe nuko twagize umwumvikano,uburyo twaza turaronka tukiyumvirira hamwe umugambi twokora,tukaja inama ». Nayo iyo ndayanywesha inzoga n’inyama canke umufasha iyo arondera abandi bagore ntivyari kugenda neza arongera ati: »Iyo tudashigikirana n’umugabo  wanje nari kunanirwa,kuko turangurira kure,mu kuhashika bisaba ko mva i muhira Isaha icumi z’ubuca.Nk’umukenyezi sinokwubahuka kwijanayo kuko inzira irimwo ibisuma .Ariko uyu aramperekeza akamfasha,raba no ngaha turi kumwe,kandi ndavye ingene tubayeho,Ubu nuwompa akazi gahemba 200.000fbu sinogenda kuko ngaha,ibi tudandaza turunguka naho umenga biragayitse,hhaaa…Agatwengo!

Ikindi Geneviève ashima,nuko yirigwa mu bikorwa bimuteza imbere,ku bwiwe abirigwa i muhira,baguma mu nsaku canke mu matati atagira akamaro ariko be n’umugabo  ngo bataha hageze kuruhuka bugaca basubira kurangura.

Mwomenya ko ugushigikira umukenyezi mu migambi yo kwiteza imbere ari kimwe mu bituma igihugu gishika kw’iterambere rirama.

Icigwa c’ishirahamwe ry’abadagi GIZ co mu 2017 cerekanye ko ku bakenyezi baronkejwe inyigisho muri uwo mugambi,kuri 141 babajijwe ,abagera kuri 77% baremeza ko baterera mu bikorwa vy’amahinguriro mato ,ku bakenyezi 109 babajijwe naho ibice 95,4%bemeza ko nabo bafasha mu gushira mu ngiro ibikorwa.Nayo ibice 67% baraja mu migwi ijejwe gufata ingingo ziraba icokoreshwa amahera avuye mu mwimbu kandi muri bo ,ibice 77,1% bemera ko baterera mu gufata ingingo ku bijanye n’ibikoreshwa ubutunzi bw’umuryango.Ico cigwa co mu mwaka w’2017 cerekana ko gushigikira umukenyezi mu migambi yo kwiteza imbere bimufasha kuriha amashure y’abana,kugura ivya nkenerwa mu muryango,arashobora kandi ni kugura amatongo kubera inyungu aronka.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground in Burundi ufashwe mumugongo na #USAID

Verified by MonsterInsights