APPOLINAIRE ATANGAZA BENSHI IYO BAMUBONYE ATEKA AKONGERA AKAGABURIRA ABANA MU GIHE UMUFASHA WIWE ABA YIRIWE MU YINDI MIRIMO.

APPOLINAIRE ATANGAZA BENSHI IYO BAMUBONYE ATEKA AKONGERA AKAGABURIRA ABANA MU GIHE UMUFASHA WIWE ABA YIRIWE MU YINDI MIRIMO.

Ari muri bake bashoboye gutahura ko umugabo n’umugore bangana mu rugo. Kujakuvoma nindobo yamazi ku mutwe , gukubura, kwoza abana no kubatekera kubagaburira no kuraba ko ataco babuze ntibimuter’isoni iyo umugore arihari canke adahari yazindukiye muyindi mirimo yo gutez’imbere urugo.

Nitwa MAYOYA Appolinaire nkaba mba muri zone ya ruziba, si rimwe si kabiri nama nasigaraniye umugore abana iyo nawe ari mu tundi dukorwa kandi hambavu yivyo ndanafise iyindi mirimo yo kudandaza inzoga aha muhira iwanje.

Ntibinterisoni gukora udukorwa imico nimigenzo yikirundi yageneye gukora abagore, ndashobora kuja kuvoma , ngakubura umupfasoni wanje arihari canke yagiye muyindi mirimo

Vyose biva mu kuganira, turumvikana hama umwe wese bivanye n’umwanya afise akagerageza kwitunganya kuburyo ata gikorwa na kimwe c’ urugo cononekara.

UKO VYATANGUYE

Nubakanye n’umukenyezi w’imboneza yitwa NTACUTI Espérance, tukaba dufitaniye abana bane .

Umunsi umwe ,umufasha wanje  yambwiye ko ishirahamwe yarasanzwe arimwo ribigisha umwuga wo kujisha bakoresheje ibishishwa vy’ibigori. Jewe navyakiriye nabi kuko wamenga ariko aratakaza umwanya ,nafata ko agiye guheza umwanya yicaye kubera yabikorera mw’ishirahamwe, nabona nyabuna ko akwiye kundabira urugo ,agateka akaraba abana.

Sinashotse nakira iryo hinduka kuko ivyo bikorwa yakora vyo kwitah’urugo bizoca vyononekara kubera yirirwa aratsiba ivyo bishishwa.

Bukebuke nagiye ndabona akamaro k’ibikorwa arimwo ntanguye kubona aza arasuma, agurir’impuzu abana, yigurira igitenge n’amavuta, yongera angurira kamwe(agacupa), kuv’ubwo nubu.

Niho nafata ingingo yuko nzosigarana urugo, nkitaho n’abana kugira nawe ashobore  kuja mu kazi kiwe ,kuko nabona ko gasahiriza umuryango nkiyo ntaronse ico ntahana murabona ubu ko ibinyobwa vya Brarudi bibura cane.

MUKIBANO UKO BAMBONA…..

Abandi bagabo dusangira agacupa ntibavyakiriye neza, iyo turikumwe barambwira ko nganzwa numugore , atajambo mfise murugo iwanje ndetse numufasha wanje bamubonamwo ko arumugore wingare .

Bukebuke urugo gwacu gwarateyimbere ubuzima burahinduka,bukebuke  bagiye batahura ko ntaganzwa numugore ahubwo ari ugufashanya murugo. Kandi ko jewe nuwotwubakanye dukundana vyukuri.

MAYOYA Appolinaire arahanura abandi bagabo…..

Ndasaba kandi nshimitse, ko abagabo nabo boza barafasha udukorwa twomurugo , bagafasha abakenyezi babo kandi bareke abakenyezi babo baje hamwe n’abandi mu mashirahamwe yo kwitezimbere  kuko urugo ni babiri. Harya iyo umugore aronse mbanzi ko n’abana bashikirwa eka naje ndashikirwa.

Hari kera aho batubwira ko umugabo ariwe yaraba ko mu rugo atakibura ,umukenyezi nawe agatungany’urugo akongera akavyara,ubu vyarahindutse kuko urundandazwa rushobora guhomba ugataha zirayoye. Mugabo umukenyezi yarasanzwe afise utundi dukorwa ku ruhande tuzana amahera, ayo mafaranga arakora mu gihe nawe nk’umugabo uba wabuze.

 

Verified by MonsterInsights