Hokorwa iki ngo turonke ikibano kizira amabi ashingiye ku gitsina?

Hokorwa iki ngo turonke ikibano kizira amabi ashingiye ku gitsina?

 

Imico n’imigenzo y’ikirundi imwe imwe iri mu bituma hakomezwa amabi afatiye ku gitsina.Muri iyo ni indero umuvyeyi atanga aho hakiriho abarera abana babereka ko umuhungu n’umukobwa batangana,ikindi ni hamwe umugabo akubita umugore abana babona.Muri ico gihe ivyo umwana akuze abona nivyo ajana mu rugo iwe.Abavyeyi bahamagarirwa kwigisha ko ata budasa buri mu bana kuva bakiri bato .Biri mu vyashikirijwe mu kiganiro catunganijwe n’ikigo CENAP mu kigo co ku Mutanga muri Kaminuza y’uburundi .

 

« Kureka umugore wawe ngo akore udukorwa twose wenyene ni kimwe mu vyerekana amabi afatiye ku gitsina ».Bishikirizwa na Madeleine Bamwizere,icegera c’uwurongoye ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi (FNF).Kubwa Madeleine ati: »Hari abagabo bazinduka kunywa inzoga,bagataha gufungura ivyo umukenyezi yarondeye yabibura agaca amukubita atanabajije ingorane zahabaye.Birababaje »

Nta terambere ata bumwe mu bubakanye

Nkuko Madeleine Bamwizere abisigura,urugo rurimwo umuryano nta majambere arubonekamwo kuko umugore aca akora wenyene.Aca aba nyamwigendako ,uwo nawe ntarimira impeshi nkuko abakurambere babivuze.

Uwo ari mu barongoye ihuriro ry’abakenyezi asaba abagabo ngo babikunde bunganire abagore babo niho bazoba batanze akarorero keza mu bana babo kandi bakorere iterambere ry’umuryango ,bizotangurira mu nzu bikwire n’igihugu.

Akari mu mpene kari no mu ntama

Mu gihe hari abakenyezi bidoga ko barenganywa n’abagabo,hariho abagabo nabo bahohoterwa n’abakenyezi babo .Umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya amabi ashingiye ku gitsina werekana ko uwo mugwi ugizwe n’ibice bitatu kw’ikana 3%.

Jérôme Ndereyimana,umunyeshure muri kaminuza y’uburundi abona ko hari imigani ikwiye kureka gukoreshwa.Akarorero ni :’Amosozi y’umugabo atemba aja mu nda ».Kubwiwe abagabo bakwiye kumenyera nabo bakavuga ego mu gihe bikenewe kandi bakavuga oyaye mu gihe bikenewe nyene.

Atanga akarorero k’umugabo agirirwa nabi n’umukenyezi wiwe maze agahora ngo yohava amaramara.Ndereyimana abona ko igihe ca none hageze kudomako urutoke uwo wese ahohotera mugenziwe yaba umugore canke umugabo mbere agirako avuga ko yihaye igikorwa co kudomako urutoke uwo wese akigendera muri izo ngeso kugira iyo ngendo mbi iranduranwe n’imizi.

Akagohe ku bakobwa bitwaza amajambere bakaba imborerwa

Mu ma quartiers amwe amwe y’i Bujumbura hari abigeme bamaze gutahura ko abana bangana mu muryango maze bakiha ubwigenge budasanzwe.Bimenyeshwa na Claude Itangishaka,umunyeshure wa kaminuza y’uburundi mu gisata c’ubutunzi.Kubw’iwe Abo bigeme bagera ku rugero rwo kwihereza ibiyayuramutwe nk’itabi,urumogi,inzoga nyinshi biratera amakenga iyo wiyumviriye kazoza k’imiryango bazoshinga.Uwo munyeshure yibaza indero izotangirwa muri urwo rugo uko yoba imeze mu gihe n’umukenyezi waho yihereza ibiyayuramutwe.

Akarorero keza niwo murima urama

Kugira ingeso yo guhohotera uwo mwubakanye iveho hakwiye gukomezwa ibiganiro bivuga agateka ka muntu mu mahuriro canke ku mbuga hwaniro.Abantu bamenyere kuba abiyumvira ,abarondera ubumenyi bushasha nivyo biteza imbere.Nayo Amani Espérance , umwe mu rwaruka rwitunganiriza imigambi atumirira abavyeyi gukoresha uburorero bwiza mu rugo kugira abana babonereho kwigana ivyo babonera iwabo.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search for Common Ground ufashwe mumugongo na #USAID

 

Verified by MonsterInsights