MPAWENIMANA Jean Pierre : Aremeza ko atanguye gushigikira umugore wiwe mu kumufasha ibikorwa bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa vyatumye batera intambwe mw’iterambere ry’urugo.

MPAWENIMANA Jean Pierre : Aremeza ko atanguye gushigikira umugore wiwe mu kumufasha ibikorwa bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa vyatumye batera intambwe mw’iterambere ry’urugo.

Uko ubwa mbere yabitahura…

“Nitwa MPAWENIMANA Jean Pierre, mba ku mutumba Kididiri, agacimbiri Kididiri muri Komine ya Busiga. Vyukuri ntibesheye ubwa mbere jewe sinatahura na gatoya umugabo ateka, aterura umwana, n’ibindi bikorwa nyene bisa nk’aho vyahariwe abagore ; ivyo vyose vyavana n’ukuntu nakuze ndabibona mu muryango eka no mu kibano. Nari nzi ko umugabo nimba avuye kurima canke gukora igikorwa c’ubufundi akazi kiwe kaba karangiye, ibisigaye vyo mu rugo biba biraba umugore kuko nakuze mbona abagabo benshi baca bigira nko gutembera abafise agafaranga nabo bakigira nko kw’ibare guteramiraho. Mugabo vyaraboneka ko abakenyezi batahimbarwa n’ukuntu abagabo babatererana ibikorwa vyo mu rugo kenshi mbere haraba no gutongana umubano ugatosekara.“

Uko yahavuye abitahura…

”Maze kwubaka urwanje, nagize Imana ngira umwete wo kuja mu mashirahamwe ayo nayo akaba yaratanga inyigisho zijanye n’ukuntu abagize urugo bakwiye gufashanya mu bikorwa vyose, mbere hakaboneka n’abagabo bashinga intahe ingene mu ngo zabo bateye imbere biciye mu gushigikira abagore babo mu bikorwa bisa naho vyahariwe abagore gusa. ”

Abarundi barayamaze bati : ”Usaba umwiza mugasa“ ; Kuva ico gihe naciye ntangura kubiyegereza bica bituma nanje ntangura kuza ndafasha uwo twubakanye ibikorwa vyo mu rugo, kandi tukaja n’inama y’ingene twobitunganya.

Akunguko yabisanzemwo…

Ugufasha uwo twubakanye ibikorwa vyo mu rugo nabisanzemwo akunguko kanini cane. Burya ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi ; bivanye n’ukuntu twabanza kuja inama yerekeye ibikorwa vya buri munsi, vyatumye dukoresha umwanya neza ntihasubiye kuba ugutakaza umwanya kuko tuvuye nko mu bikorwa vyo mu mirima kwaba ukurima canke ugusarura, hageze guteka turafashanya.

Dusanzwe dukora n’urudanzwa rwo gucuruza ibinyobwa mu kabare ; naho nyene turabifashanya kandi bigenda neza kuruta aho mba ndavyigungirako. Vyongeye uburyo bubonetse tubukoresha muri vya bikorwa vy’iterambere ry’urugo,kandi turamaze gushika ku yindi ntambwe mw’iterambere murumva yuko akunguko ari kanini cane.

Uko bamwakira mu kibano…

“Mu kibano babifata nk’uko umengo si ibikorwa nategerezwa gukora mbere bamwe bakavuga ko ndi umugabo w’inganzwa. Ariko nubwo babivuga hari bamwe bamwe banyegera tukaganira bambaza ibijanye n’ibanga dufise kugira urugo rwacu rutere imbere, nkaca ndababwira ko ibanga ari uko mfashanya n’uwo twubakanye mu bikorwa vyose vyo mu rugo na cane cane vya bikorwa bafata nk’aho vyahariwe abagore gusa.

Abo yabereye akarorero…

Nk’uko abivuga, MPAWENIMANA Jean Pierre ngo hari abo mu kibano ciwe bamaze guhinduka no guhindura ivyiyumviro ku bijanye no gushigikira abagore babo mu kubafasha ibikorwa vyo mu rugo, kuko babonye ko iterambere rishoboka bafatiye ku vyo babona mu muryango w’umubanyi wabo Jean PIERRE.

Arongera ati : “Hari n’abagenzi batatahura na gato ikijanye no gukora bene ivyo bikorwa uri umugabo bakanahahaza abo bubakanye mu kubaremereza ibikowa bigaca bibateza n’umutekano muke mu mubano wabo, mugabo tumaze kuyaga bahavuye bahinduka ubu bakaba baja inama n’ingingo n’abo bubakanye ubu bikaba bimeze neza mu mubano no mw’iterambere.

MPAWENIMANA Jean Pierre aratanga impanuro ku bandi bagabo…

“Nohanura abagabo nkanje kujijuka bakamenya ko urugo ari babiri kandi ko iterambere riza kuko umugabo n’umugore barikoreye bose mu mwumvikano no gufashanya mu bikorwa. Ikindi bakwiye kumenya n’uko umugore ari umufasha kandi ko n’Imana yabonye yuko umugabo wenyene atishoboye imuha umufasha, bagaheza babababungabunga, bakavavanura no kubavunisha ibikwa bonyene ahubwo bagaha ikibanza ikiyago gutyo iterambere bazogerako bazorinezererwa bose, kandi bazoba bariko barubaka imiryango ikomeye bivanye n’uko abana babo bazoheza bakababera akarorero keza nabo bazokurikiza muri kazoza.”

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground in Burundi ufashwe mumugongo na #USAID

Verified by MonsterInsights