Sonia Izere Afise umugambi wo gushigikira amakoperative y’abakenyezi i Bubanza na Cibitoke

Sonia Izere Afise umugambi wo gushigikira amakoperative y’abakenyezi i Bubanza na Cibitoke mu kuyaha ingurube nabo bazorore babashe kwibeshaho

Sonia ahanura urwaruka ngo rureke ibirori ariko rwitunganirize imigambi y’iterambere.

Sonia Izere ni umwigeme yaronkejwe ibahasha ry’umuliyoni mu mafaranga y’amarundi  na Nyen’icubahiro Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye igenekerezo rya 12 Myandagaro 2021 i Gitega ico gihe hari habaye ikoraniro rya prezida hamwe n’urwaruka.

Nkuko yavyiganiye ikinyamakuru Burundi Jobs,uwo mwigeme yari afise umugambi  wo kwiyungunganya akabura uburyo.Muri uwo muriyoni Izere sonia yemeza ko yaciye atangura kworora inkoko zo kurya .Asigura ko uwo mugambi atawubandanije ariko agatangura kworora ingurube akaba afise 7.Muri izo zine ni ibipfizi ,3 nazo ni izivyara.

Sonia Akura hehe umwete mu kwitunganiriza imigambi?

 Tumubajije aho Akura uwo mutima wo kurondera sonia agira ati: »Ndabifise kuva mu bwana kuko sinakuze norohewe.Nama nipfuza gukora utuntu kugira nigurire ivyo nkeneye atawe ndabisavye ».

Aho ngiriye muri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika mu gisata cigisha ubutunzi narashimye  inyigisho za professeur Bizimungu yatwigishije icigwa co gutunganya imigambi .

Uwa kabiri ni prezida w’uburundi kuko akunda guhanura urwaruka ngo rwitunganirize imigambi rureke kurera amaboko.Uwa gatatu nawe ni umukenyezi Boss Lady sonia wo mu  gihugu ca cameroun,aranyigisha kuko akunda gushira ahabona ibikorwa vyo kwiyungunganya nanje bikandemamwo uwo mutima ndetse nkipfuza ko nanje nomera nkawe mu gukangurira abantu gukora kugira bisununure « .

Mu kworora ingurube sonia afise ihangiro irihe?

Mu  guhitamwo kworora ingurube ,uwo mwigeme avuga ko afise ihangiro ryo kugwiza ingurube ,azozihe amashirahamwe y’abakenyezi ba ruguru i Bubanza na Cibitoke kugira ngo bisununure gutyo bazishoye zizogwira kw’isoko ibiciro vy’inyama bigabanuke kuko nkuko avyemeza hari benshi bakunda kwihereza inyama z’ingurube.

Naho bir’uko uwo mwigeme asaba amashirahamwe abishoboye ngo ashigikire urwaruka kuko rurabura imitahe yo gutangura imigambi ariko agahanura urwaruka ngo rureke kwishinga ibirori ariko rutangure kare gwitunganirize imigambi mito mito izobashikane kw’iterambere.

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID.

 

Verified by MonsterInsights