Umugambi Tuyage mw’iterambere ry’umukenyezi,abahuye nawo barashima

Umugambi Tuyage mw’iterambere ry’umukenyezi,abahuye nawo barashima

Muri kahise umukenyezi yari umuzezwanzu,umunyaruhimbi,umwambarandende….Ibikorwa vyiwe vyari uguteka ,ukurera abana,gusya,gusenya,kuvoma…..muri make ni ibikorwa bito bito bitazana amafaranga.Umugore yarindira uburyo buzanywe n’umugabo kugira aronke impuzu,uburyo bwo kwivuza n’ibindi .Mu ntumbero yawo, umugambi Tuyage uriko urakora kugira umukenyezi w’umurundikazi yisununure mu butunzi areke kwama ateze amashi.Intahe .

Oda Nindorera ni umukenyezi aba muri quartier Ruziba  mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura,avuga aravuga ingene yahinduye imibereho kubera umugambi Tuyage.

« Kera naguma i muhira nkarindira ivyo umugabo wanje azanye kugira ampe ivyo nkeneye kugira tubeho ariko ubu uno mugambi uramfasha nkadandaza,nkorora,nkajisha ..Muri ivyo bikorwa nkora ndaronka ayo njana mu mugwi wo  kuziganya no kuguranana. »

Nkuko Oda Nindorera avyiganira uruganda rwa Burundi jobs,umugambi Tuyage wabasanze i muhira ubigisha gushinga imigwi canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ,aho baraharonkera uburyo bwo kwikenura eka ndetse n’ubwo kuziganya no kugurana .

Uwo muvyeyi atanga akarorero k’aho aheruka gufata ideni ry’200.000 y’amarundi .Agira ati: »Kubera ayo mahera Ubu ndarangura amakara nkayagurisha,naraguzemwo inkoko ubu zirata amagi,iyo nashoye ayashika 10 , i ruhande yo kugaburira abana nca ndonka imitahe yo kuziganya mu gashirahamwe nsanzwe ndimwo.Muri make Ubu novuga ko umukenyezi nawe ashoboye.

Nkuko tubisanga mu cegeranyo cerekana iterambere ry’igihugu casohotse mu 2020 uburundi buracafise urugero rw’iterambere rubayabaye .Mu gihe ibiharuro bifatirwako ari 0,0550 uburundi bufise 0,427,tubisanga mu cegeranyo kiraba  ikibano ciza ,gusabikanya ubutunzi hamwe n’iterambere cakozwe n’ikigo CURDES ca kaminuza y’uburundi gifadikanije n’ishirahamwe PNUD.

 

 

 

 

Verified by MonsterInsights