Musavyiwimana prudent : Gukora ibikorwa vyo munzu uri umugabo ngo  si ukuganzwa n’umugore.

#Masculinité positive

Musavyiwimana prudent : Gukora ibikorwa vyo munzu uri umugabo ngo  si ukuganzwa n’umugore.

Umushingantahe(Umugabo) yotegura umwana(umu bébé) agateka,akoza ivyombo kandi afise umufasha(umugore)?

Musavyiwimana prudent wo muri karitye karera 1 komine n’intara ya gitega amaze imyaka ine yubatse akaba afise abana 2 asanzwe yaratahuye uruhara rw’umugabo murugongo kuriwe ibikorwa vyo kwoza umwana,gukoropa,guteka nibindi ngo birasanzwe.Arabikora kandi atagahato kugira afashe umukenyezi wiwe bigatuma umukenyezi atirirwa yarushe canke ngo agire ibibazo vy’umurengera

 Mu kuragana twemeranije ko tuzofashanya murivyose  dukomeye canke tugwaye

Prudent musavyiwimana ivyo ngo abitumwa nuko yibuka isezerano bagiriraniye n’umufasha wiwe ko bazofashanya muri vyose igihe bariko bagira ubugeni. Kubwivyo ngo ntacotuma  atererana akazi umufasha wiwe.

Kira noneho  ngo  yakuze umuvyeyi wiwe amwigisha gukora vyose ataravye ngo nakazi kabakobwa canke abahungu.

Gukora ibikorwa vyo muhira si ukuganzwa n’umugore .

Prudent musavyiwimana atwiganirako naho aja guteramana nabandi bagabo mwibare (akabare) batajanye numufasha wiwe ngo anywa rimwe irindi akaritahanira umufasha wiwe. Kandi ngo ategerezwa gutaha kare kugira ahe umwanya umufasha wiwe ikiganiro yongere anamufashe udukorwa.

Abandanya atwiganira ko naho umukozi womunzu abariwe ajejwe kubikora ngo aravyikorera  kubwineza yurugo gwiwe.

Kubiyumvira ko ari ukuganzwa n’umugore avuga ko ari ukwihenda cane kuko abikora kugushaka kandi kubera ko abona biba bikenewe ngo kanatsinda urugo ni babiri kandi nugufashanya.

Umupfasoni wiwe arabinezererewe ngo ahubwo biri mubituma amukunda akanamwubaha nk’umugabo wiwe .

 Yabaye akarorero mu kibano.

Naho hari bamwe bamuvuga ngo ivyakora ntibibereye abagabo, ubu ngo hari beshi  babishima mbere nabo basigaye babikora.

Ahamagarira abandi  bashingantahe batarabitahura gufasha ibikorwa abapfasoni babo bakamenya ko gufashanya mu rugo arivyo bituma Urugo rutera imbere n’urukundo rugakomera kandi bakibuka ko umugore atari umukozi ahubwo ari umufasha.

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID.

Verified by MonsterInsights