Hakizimana spes cartas: Umupfasoni akora akazi ko kumwa imishatsi(salon de coiffure) ngo naho uwomwuga whiharije gukora abagabo ngo nabagore barabishoboye kubikora

Hakizimana spes cartas: Umupfasoni akora akazi ko kumwa imishatsi(salon de coiffure) ngo naho uwomwuga whiharije gukora abagabo ngo nabagore barabishoboye kubikora

Hakizimana spes cartas umupfasoni wo kumutumba wa mukoro komine bugendana intara ya gitega amaze imyaka 11 yubatse akaba afise abana batanu akaba akora umwuga wo kumwa Abantu aho uwo mwuga ngo awumazemwo imyaka itatu kandi uwomwuga ngo uramutunze.

Intango yama igoye

Spes cartas Umupfasoni akora akazi ko kumwa
Spes cartas Umupfasoni akora akazi ko kumwa

Spes cartas Hakizimana ngo muntango ntivyamworoheye kuko benshi babona ko atamugabo yomobwa n’umugore ngo yoba asuzuguritse,ariko ngo ivyo vyose ntivyamuciye intege kuko yazirikanye ihangiro buke buke baza barabitahura aho ubu avuga ko ayo kugura umunyu atayabura.

Gukora umwuga wo kumwa Abantu urumupfasoni sugushira isoni.

Spes cartas avuga ko abiyumvira kwari ugushira isoni arukwihenda cane kuko ari akazi mu bundi ngo kanatsinda karamusahiriza kuko atawe aja gutega amaboko ico akeneye acigurira kubera uwo mwuga.

INTAMBAMYI MUKAZI NTIZIBURA

Hakizimana spes cartas avuga ko murako kazi ahura nintambamyi zitarinke akarorero nikena ry’umuyagankuba kuko aho akorera atawuhari kuburyo yahisemwo kugura ama bateri ariyo ashariza hama akaba ariyo yikorako.ivyo navyo biri mubituma atunguka bishemeye ndetse akaronka naba kiriya bake kuko bamwe batinya ko umuriro uhera muma bateri atarabaheza.

Spes cartas Hakizimana asaba uwubishoboye kumuterera ibateri nini kuko iyo afise itarambisha umuriro cane,nayo indongozi azisaba kubazanira umuyagankuba kugira bakore bisanzuye

Mu KIBANO bamwakira gute ?

Hakizimana spes cartas avuga ko muntango bitamworoheye kuko hari benshi bamuca intege ndetse bakanamuhanura guhagarika ako kazi ngo ariko ubu bose baramutangarira aho mbere bahurumbira kuza kwimwesha iwe.Umushingantahe wiwe arabinezererewe kuko ngo ninawe yamuhaye aho amwera abantu

Hakizimana spes cartas ahamagarira abandi bakenyezi kwijukira uwo mwuga kuko ngo urasahiriza mubitari bike akongera agasaba abandi bakenyezi kudatinya kwijukira ibikorwa imico yikirundi yahariye abagabo .

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID.

Verified by MonsterInsights