ABAKENYEZI B’IMBONEZA BAGIYE HAMWE BIGA UMWUGA WO KUJISHA BAKORESHEJE IBISHISHWA VY IBIGORI

ABAKENYEZI B’IMBONEZA BAGIYE HAMWE BIGA UMWUGA WO KUJISHA BAKORESHEJE IBISHISHWA VY IBIGORI

Abakenyezi cumi bo mu Ruziba bagiye hamwe biga ubuhinga bwo kujisha amakapo bakoresheje ibishishwa vy’ibigori ,ubu bakaba bashobora gufasha mu rugo. Intango yabo ntiyoroshe muga barabishoboye naho impinga ikiri ndende.

Oda NINDORERA, arangoye ishirahamwe ry’abakenyezi bajisha bo muri zone kanyosha quartier Ruziba, MUKENYEZI GIR’UMWETE.Iryo shirahamwe ririmwo abakenyezi b’abapfakazi, abakobwa bavyariye iwabo hamwe n’abakenyezi bafis’abagabo batifashe. Bose bakomoka  kurindi shirahamwe ryitwa MUKENYEZI MENYA niho bigiye ivyo kujisha munyuma bigira umugambi wo kuja hamwe kugira bazoze barandandaza amakapo bakoze bongere bafashanye hagati yabo.

Muri iryo shirahamwe MUKENYEZI GIR’UMWETE ntibiherera mu kujisha gusa, baraziganya bakongera bakaguranana iyo umwe muri bo agize ikibazo.

Mu Rugo no mu Kibano ntibashotse bavyakira neza

Icatumye abo bakenyezi baja hamwe yaruko bamwe basanga haraho batarishikana mu rugo,abandi babona imirimo  y’umugabo idashobora gukemura ivyankenegwa mu rugo bakipfuza gusahiriza.

Esperance umwe mubari muri MUKENYEZI GIR’UMWETE, yatubwiye:”Umushingantahe wanje ntiyavyakira neza ko nirirwa ku jisha nsize urugo n’abana kandi ndafise umwe mu bana navyaye bafis’ubumuga bwo mu mutwe ariko umunsi umwe natahanye agakapo mpejeje gukora kugira ndamwereke ivyo naje nkora haca haza umubanyi aragashima arakangurira, uyo musi turarira umuceri, ibiharage bikaranze n’akunyu. Kuva ico gihe yaciye atahura ko ntaba ndiko ntakaza umwanya iyo nicaye umunsi wose”.

Oda nawe arunganira ati:” Jewe nsa n’uwufise imyaka yitereye abantu bose bibajije ko natanguye gusara umenga Umuntu nkaje ntakeneye kwiteza imbere. Abantu batanguye kubona utwo dukapo dukora uko dusa twarakunzwe cane hama ikibano kira jijuka mbere baratugura cane, muri 2018 twaratumiwe muri exposition aho kamwe kagugwa 30.000 fbu benshi baradukunda cane ndibuka twaratahanye n’ayandi ma commande”.

MUKENYEZI MENYA KO…..

Nkubu nkuwibarukiye iwabo aho wokwicara akarera amaboko nawe yofasha mu kurera abana biwe kuko kwama uteze amaboko abavyeyi ngo bagufashe wewe n’umwana wawe wotuma  uhaguruka ugakora naho wob’uronka 1000fbu ku munsi muga ukaba ushobora kuronka na makeyi winjiza”, bivugwa na Divine asanzwe ar’umukobwa yavyariye iwabo ari mu bajisha.

Umukenyezi canke umukobwa  simpaka aje mu rugo kugira atangure kwiyungunganya. Ar’umugore atararonka uruvyaro arakenera kugaburira inda yiwe canke afashe Umugabo wiwe mu vy’urugo.  Umukobwa nawe arakeneye gushaza mu mahera atahawe n’abagabo.

NAHO IMPINGA IKIRI NDENDE 

Ubu nkuko bivugwa nabo bakenyezi, barashobora kwigurira igitenge ,amavuta yo kwisiga bakagurira umwana amakaye yo kw’ishure ndetse akanamurihira ishure aho hose ata mugabo agize icaterera.

Abo bakenyezi bahurikiye mwiryo shirahamwe bavuze ko bagir’ubukene bw’ibikoresho nk’ibishishwa vy’ibigori ubu biragoye kubera ko n’abororera inka mu nzu barabigura ugacusanga birazimvye. Co kimwe n’amabara bakoresha mu gushariza iyo kapo aragoye kugira umuntu ayaronke kubera kwa Siyoni arazimvye cane kandi haboneka ambara atatu gusa.  Turifuza kubona ibikorwa vyacu biter’imbere tukashikira I Bujumbura ndetse no mu makungu tugashikayo.

M.N: Iyinkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID
Verified by MonsterInsights