Abakenyezi bo mu ntara ya Gitega bariko bakora gute ibikorwa vyo kwiteza imbere?

Abakenyezi bo mu ntara ya Gitega bariko bakora gute ibikorwa vyo kwiteza imbere?

 

Mbwira yaganiriye n’Abakenyezi batatu ibasanze aho bariko bakorera imirimo yabo mu ntara ya Gitega, umutumba (Quartier) Magarama.

Niyibigira Pascaline ni Umukenyezi mwirimizi afise abana batatu(3), aba muri komine n’intara ya Gitega ku mutumba (quartier) Magarama. Uwo mukenyezi avuga ko ataratangura akazi ko kuba umuherezi w’umufundi mwubatsi(aide maçon) yarasanzwe atunzwe n’uburimyi nibwo bwamufasha gutunga no kurera abana biwe.

Ati hari ibintu Abakenyezi n’Abigeme babayemwo kuva kera bizera imigani n’imyibutsa imwe imwe igayitse ngo umukobwa ni nzoja iyo biri, umukobwa ni uwo gusasa, umukobwa ni uwo kuvoma, umukobwa nta mwana,n’ibindi bakabikuriramwo hagera ko umukobwa aja kubaka urwiwe bikamugora akarindira ko umugabo aba ariwe akora vyose mu rugo. Niyibigira Pascaline wewe ngo si uko yabibonye Abakenyezi nabone barashoboye. Ubwa mbere yaratunzwe n’uburimyi gusa, ariko munyuma yahavuye aja gusaba akazi ko guhereza umufundi mwubatsi kuko ariko kibonekeza cane aho abaye. Ataratangura gukora ako kazi ntiyashobora kuronka ico yunganira mu rugo. Pascaline avuga ko aho atanguriye gukora ako kazi abona akarusho kuko ngo ashobora kugira ico yunganiye mu muryango akaronka n’utuntu tumwe tumwe aba akeneye atarinze kuzera inze, arafungurira abana neza umusesekara nawo akawujana mw’ishirahamwe ryo kuziganya.

IRANKUNDA Eliane ni umukenyezi w’imyaka 28 afise abana bane(4), aba mu ntara ya Gitega, Komine (quartier) Magarama nawene akora akazi nk’ako. Mu misi ya mbere bakivana n’umugabo bavyaranye abo bana ntivyamworoheye kubera ataronka uburyo bwo gutunga abana n’aho abaraza kuko na inzu babamwo barapanze niko guca yegera aho bariko barubaka inzu asabaho akazi ko guhereza umwubatsi. Ako kazi ngo karamutungiye abana biwe arabagaburira, akabambika , arariha inzu babamwo mbere abageze kwiga akabajana kwishure.

IRANKUNDA Aline, umukenyezi w’imyaka 32 n’abana batanu(5) aba muri iyo ntara nyene ararima akongera akaja gukora akazi ko guhereza umwubatsi kugira aronke udufaranga two kwisahiriza mu tuntu tumwe tumwe aba akeneye. Aline avuga yuko mu mwimbu akura mu burimyi atigera abona inyungu asigarana umwaka uheze, ariko kuva atanguye gukora ako kazi gushika ubu arabona  akarusho ahigira vyinshi kandi ngo biramufasha gutunga umuryango. Ubu arashobora kuronka udufaranga two kuziganya kandi akabona n’inyungu ku mwaka.

Abo bakenyezi bavuga ko mu misi mike iza nabo bazogira koperative kandi ngo bazoba bafise ibitungwa(ingurube) umwe umwe wese. Batera akamo abandi bakenyezi kwijukira imigambi yo kwiteza imbere kuko ngo Abakenyezi barashoboye ntakazi na kamwe umugabo akosa umukenyezi atoshobora gukora.

Verified by MonsterInsights