Munyana Francine umudereva w’ ibimashini bikora amabarabara: atuyagira ingene akora ico gikorwa ahanini womenga cagenewe abagabo.

Munyana Francine umudereva w’ ibimashini bikora amabarabara: atuyagira ingene akora ico gikorwa ahanini womenga cagenewe abagabo.

Mu myuga myinshi abigeme n’abakenyezi bakora harimwo bakeya bagendesha imiduga ariko tumenyereye banyonga imiduga mito mito.

Ikinyamakuru Burundi Jobs caragendeye Francine Munyana  .Uwo mwigeme w’umurundikazi agira ati: »Kuba ndi umwigeme nkaba ndi muvyo gukoresha ibimashini bikora amabarabara ndabishima.Biramfasha kanatsinda ni umwuga nk’iyindi.Abigeme n’abakenyezi ba kera ivyo ntavyo bakora mugabo nanje ndi umwe mu bakobwa ubu bariko barakorera muri ivyo vyuma. »bizwi nka Tingatinga mu giswahili mu kirundi naho bakavyita ibisirigita.

Kukazi bimeze gute?

Kukazi bimeze neza,ntawunkumira ngo ni uko ndi umwigeme,ariko indongozi zanje kukazi baranteye intege ,bakaza baranshimira nanje bikantuma nongereza inguvu mu kazi kanje.Ku boba bibaza ko ako kazi karuhisha Munyana  agira ati: » Nta kazi na kamwe kataruhisha,kwaba ukurima kurasaba inguvu eka mbere no kwicara birateba bikaruhisha. »Kubw’iwe ,igikuru ni ugukora igikorwa ukagikunda kandi ukikuramwo ubwoba.

Ni iyihe nyungu Munyana  amaze gukuramwo?

Kuba afise igikorwa kimuhemba, Munyana  yemeza ko aterera i muhira mu bijanye n’uburyo.Agira ati: »Ntivyokunda ko muhira bamburana ikintu kanaka kandi nanje nkora.Ikindi uwo mwigeme yemeza n’uko bimurinda kuja mu ngeso mbi zohava zituma atwara inda y’indaro ,ivyo we yita guhemukira umuryango.Nkuko abandanya avyemeza,ikibano kirashima ivyo akora kuko yunganira umuryango bitumwe n’uko akora akazi hanyuma akaronka uburyo bwo kwitunganya mu buzima.

Verified by MonsterInsights