Abakenyezi mu burongozi,imico n’imigenzo ibakumira ikwiye kuvaho

Abakenyezi mu burongozi,imico n’imigenzo ibakumira ikwiye kuvaho

 

Haba mu bibanza vyo gufata ingingo canke mu buzima busanzwe hari imvugo zishira hejuru umugabo maze umugore zikamushira ku rwego rwo hasi.Uturorero ni twinshi ,turabibonera ku mazina amwe  amwe : umuzezwanzu,umunyaruhimbi,umunyakigo….Naho bitakivugwa cane,inyifato zimwe zirerekana ko ataho vyagiye,haracariho abigeme batorwa mu mabanga bakanka ngo ntavyo bashoboye.Ariko abatari bake  mu Burundi barashima ingene batunganirizwa n’abakenyezi bari mu buyobozi butandukanye .Ari naco gituma bakwiye kuja muri ayo mabanga kuko babirekurirwa n’amategeko agenga igihugu.

 

Icigwa cakozwe na BLT( Burundi  Leadership Training ) muri gitugutu  mwaka w’2021 cerekana ko abakenyezi badaserukiwe neza mu bibanza vy’uburongozi bironkwa biciye mu matora ugereranije n’ivyo bajamwo kubera barungitswe.Aha twovuga nko mu migwi itorwa ngo iserukire abandi haba mu bisata vy’abikorera ivyabo,amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ,muri reta  canke  mu binyamakuru.

Mu mwaka w’2020 ,ico kigo nyene carakoze ivyigwa aho cerekanye inzitizi zibabuza kwitabira neza ayo mabanga.Ivyo navyo bikaba bifatiye ku kuronka uburyo bwo kwegeranya abanywanyi ngo ababwire imigambi yabo ,amashure make kuri bamwe bamwe,abaciyumvira ko batoshobora kuyobora neza abandi,ikindi nyamukuru BLT yerekana nuko abigeme baheza amashure ya kaminuza ari bakeya ugereranije n’abahungu.

Kubw’ico cigwa ,iyo ni inzitizi ku bakenyezi iyo hageze guhiganigwa ibibanza bisaba gucisha mu matora.

Mbega mu buzima busanzwe bimeze gute?

Estella Gahimbare ni umwigeme ahejeje ivyigwa vya kaminuza Ubu akaba arongoye ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana muri zone Nyakabiga yo mu gisagara ca Bujumbura.Avuga ko ivyo kurongora abandi atabimenyereye mbere avuga ko yari yaravyanse akatari gake.

Mu mashure

Jewe igihe nari mu mashure yisumbuye barigeze kuntora ngo mbe umurongozi(déléguée ) ,narabihakanye ,ndemeza ko atavyo noshobora.Ico gihe sinatahura ko jewe noja imbere y’abandi ngo ngire ico nshikiriza,nabona ko noca ngwa hasi (hahaa) .

Ubuyobozi bwarahavuye buranshikira bambwira ko bazontuma umuvyeyi ninaguma nanka kuba déléguée ariko naho nyene vyaranse  kubera ubwoba gusa.

Ubu vyarahindutse

Kubwa Gahimbare,ibintu birahinduka inyifato zimwe zimwe usanze ataho zishikana ukazivamwo.Agira ati: »Igihe bantorera kuja imbere y’abandi nari mu mashure yisumbuye sinabitahura neza ariko igihe naja muri kaminuza nagiye ndabona ko n’abandi bakenyezi babikora kandi neza .Uno musi ndarongoye ishirahamwe ririmwo abantu 30 abigeme ,abakenyezi mbere n’abagabo.Ubwoba nahorana bwaragiye kuko dukorera hamwe twese,dukoresha ugutahurana,mbona ko ivyo umugabo akora muri iryo shirahamwe n’umukenyezi yobikora.Igikuru ni uguhindura ivyiyumviro.

Iyindi ntambwe irakenewe

Nkuko tubisanga mu bishikirizwa  n’ishirahamwe ICB( initiatives et Changement Burundi),abakenyezi bari mu nzego ziserukira abandi bamenyesha ko hari igihe bibagora kwitabira inama ziba mu masaha y’umugoroba nk’isaha 11 kuko ayo masaha ,umugore aba ageze gukurikirana abana . Rifatiye kuri ivyo ICB rikemera ko rigiye kubandanya ibikorwa vyo guhimiriza kugira ico gisata gitere imbere.

Kubwa ICB ikindi gikorwa nyamukuru ni uguhindura ivyiyumviro ,abakenyezi n’abigeme bakigirira icizere  ko nabo bashoboye gukora akazi co kimwe n’abagabo mu gihe bavyigiye.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search for Common Ground ufashwe mumugongo na #USAID

Verified by MonsterInsights