Ingorane y’ukwikengera,kimwe mu bibuza iterambere ry’umukenyezi

Ingorane y’ukwikengera,kimwe mu bibuza iterambere ry’umukenyezi

 

Nkuko biri mu mugambi w’igihugu uraba ibijanye n’ukungana kw’ibitsina PNG 2012-2025( Programme National Genre),ubusumbasumbane hagati y’imiryango buratosekaza ikibano ciza.Ikindi n’uko ukurwanya ubukene bidashoboka mu gihe bikozwe umukenyezi asigaye inyuma.Muri ino nkuru tubasangiza umwihwezo wa Euphrasie Bigirimana,umwe mu bakenyezi b’imboneza,yahoze ari umushikiranganji w’ubudandaji akongera akaba n’umwigisha muri kaminuza.

Mu cegeranyo cakozwe n’ikigo ca kaminuza y’uburundi ku vyigwa vy’ubutunzi hamwe n’igisata ca ONU kijejwe iterambere kw’isi PNUD mu mwaka w’2020,ibice birenga 60 kw’ijana vy’abakenyezi bakorera mu kinywabi ,mu bikorwa bitazwi n’amategeko .Bisigura ko ata masezerano y’akazi bafise.Vyumvikana rero ko ata ngurane bashobora kuronka kuko ata mishahara izwi bafise ,ico naco ni kimwe mu nzitizi zibuza umukenyezi kwiteza imbere.

Ingorane y’ukwikengera ikwiye gutsindwa

Mu gihe kuwa 28 Gitugutu hahimbazwa umusi mukuru wo kuziganya no kuguranana mu cigwa yatanze ,umupfasoni Euphrasie Bigirimana,umwe mu bakenyezi b’indongozi yerekanye ko naho abakenyezi bijukira kuja mu mashirahamwe aziganya akongera akaguranana .Hari abakenyezi batinya gutora ingurane ngo barangure imigambi yobateza imbere,nico yise ( syndrome d’imposture).Asigura ko benshi babikora uko kubera baba batinya guhomba maze bukeye kabiri akibaza ko yohava yishuzwa ivyo adashobora kwishura.

Kubwa Bigirimana,iyo usavye uduhera duke cane,nta nyungu nini tuzana,uwadukoresheje aguma aho yari ari,ntatera imbere .

Ivyokorwa kugira iyo ngorane iveho

Kugira ngo ubwoba bwo gukora ivyobateza imbere kubera batinya guhomba,uwo mukenyezi Euphrasie Bigirimana abona ko hogwizwa inyigisho zerekeye ugutunganya imigambi kuko hari abatabizi,rero bagatinya ko bohombesha.

Muri ivyo biganiro vyahuje abakenyezi bari mu runani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Gitugutu 2022 kuri Hôtel Royal Palace i Bujumbura ,barasaba ko hogwizwa uburyo bwo gushigikira abakenyezi,kubaherekeza no kuborohereza mu bijanye no gushinga no gutungana amashirahamwe bifasha mu kwiyungunganya , inzira irashe mu kurwanya ubukene.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search for Common Ground ufashwe mumugongo na #USAID

 

 

Verified by MonsterInsights