Amashirahamwe yo kuguranana no kuziganya ngo nikirumara mw’iterambere ry’umukenyezi ..

Amashirahamwe yo kuguranana no kuziganya ngo nikirumara mw’iterambere ry’umukenyezi ..

Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana yo ku mitumba canke mu ma quartiers ni uburyo bwiza bwo kwiteza imbere .Imvo n’uko umunywanyi ashiramwo imitahe mito mito ,iyo amaze kumenyera aronswa  ingurane hisunzwe imitahe afiseyo.Mbere n’ibigega vyo kuziganya no kuguranana biraheza bikabaronsa ingurane nini biciye mu ngurane rusangi( crédit collectif ) mu gifaransa.Odette Sibomana ,umudandaza wo muri zone Gitaza yo mu ntara ya Rumonge aremeza ko vyamufashije mu rudandazwa akora.

Uruganda rw’ikinyamakuru Burundi Jobs rwaragendeye Odette Sibomana,umukenyezi wo mu Rumonge maze rumubaza  ivyiza akura mw’ishirahamwe ryo  kuziganya .Agira ati: »Nkwije imyaka 12 ndi   mw’ishirahamwe riziganya rikongera rikagurana.Riramfasha cane,Ubu sinkija gusaba umuntu ngo angurane udufaranga naho twoba dukeya nja mw’ishirahamwe eka naho yoba menshi ndayaronka maze nkikenura muri vyinshi.

Mu myaka umazeyo ni igiki ushima?

Kuva ninjiye muri DUSHIGIKIRANE nararonse umutahe wo kudandaza,ndarimisha imyumbati kandi ndorora ibitungwa.Ivyo biramfasha cane.Mu gihe bizwi ko amafaranga agoye kuriha uwo mukenyezi aravyemeza ariko akavuga ko ibintu vyose mu kubikora neza  bisaba ibanga.Iryo banga naryo si irindi ,Odetta atomora ko ari ubwizigirwa,agira ati: « utakaje ubwizigirwa uba uhomvye vyinshi niho hava ivyo kubura ingurane kuko batizera ko nawe uzoyariha. »

Ingurane rusangi,akarusho kanini

Ku kibazo c’ingurane rusangi n’uko ikora Odetta avuga ko bobo bayisabira hamwe ari 26. Agira ati: »Tugitangura muri 2010 nta ngurane nini twaronka ariko ubu turonka ingurane ikuze twavuye ku bihumbi amajana atandatu ubu tugeze ku miliyoni 20.Naha nyene ku ngurane nini umugenzi mwiza n’uko iyo tudandaje,nja ndariha bukebuke kugira ngo nzokwize simpombeshe abandi kandi umutware wacu yama aratwibutsa natwe tukamugamburukira. »

Ku mukenyezi yoba atari mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana,Sibomana Odetta abona ko ari uruhombo rudasanzwe ,nkuko abisigura uwo aba ari nyamwigendako kandi uwo nawe biramugora no mu rugo kuko aguma arindiriye ico umugabo azana gusa.Odette ahanura ko abakenyezi nk’abo bokwijukira amashirahamwe yo nzira y’iterambere rirama.

Verified by MonsterInsights