Kuziganya no kuguranana: ikiyago hagati y’umugabo n’umugore ni nkenerwa cane

Kuziganya no kuguranana: ikiyago hagati y’umugabo n’umugore ni nkenerwa cane

Birazwi ko urugo ari babiri,mu guteza imbere umuryango harakenerwa umwumvikano hagati y’umugabo n’umugore.Iyo ikiyago kibuze,imigambi y’umwe irashobora kuburizwamwo maze hakaba uruhombo . Nemeyimana Aster ,akorera igisata co kwishuza muri SOFEPAC aratubwira inzitizi bahurira mu bikorwa vyo kugurana abari mu mashirahamwe y’abakenyezi.

 Jacqueline Niyonkuru ni umukenyezi akora urudandazwa muri quartier Nyabagere,komine Ntahangwa .Uruganda rw’ikinyamakuru Burundi Jobs rwaramwegereye rumubaza uko yakira imigambi iraba iterambere biciye mu kuziganya no kuguranana.Agira ati: »Jewe nkwije imyaka 4 ndi muri aya mashirahamwe,ariko  nkwije imyaka 2 gusa ntanguye  gukorana na SOFEPAC( solidarité féminine d’Epargne et de crédit ).Iciza nahabonye ni uko bampa ingurane nkikenura .I ruhande yo kudandaza  Ubu ndarimisha ,nkubu ndarima kugeza ku ma hectares y’ibigori,ibiheza bikampa inyungu. »

Umwumvikano muke mu rugo,kimwe mu vyononera umugambi

Muri Kino gihe ,haragwiriye amashirahamwe ahuza abakenyezi kugira baziganye kandi bazoronke ingurane,rwegereye Astere Nemeyimana akorera igisata co kurihisha amadeni muri SOFEPAC .Nk’uwukurikirana ku musi ku musi ico gikorwa abona ko hari ibikeneye gukosorwa:

Mu buryo bwiza kugira umunywanyi aronswe ingurane bisaba kuba afise ivyo akora vyinjiza amafaranga,nk’abagira ingwati itongo ico gihe riba ryanditswe gushika ku rwego gwa komine.

Nkuko bisigurwa na Astere Nemeyimana,mu gutora iyo ngurane,igituma haza umugore n’umugabo ni kugira babone ko mu muryango hinjiye amahera,niyo hagera kuyariha bizogende neza.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search for Common Ground ufashwe mumugongo na #USAID

Verified by MonsterInsights