Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana,inzira y’iterambere mu miryango

Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana,inzira y’iterambere mu miryango

Kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Gitugutu ni umusi mpuzamakungu wahariwe ukuziganya.Uburundi bwarifadikanije n’ibindi bihugu mu kuwuhimbaza ku civugo kugira kiti: »uruhara rw’abakenyezi b’imboneza  mw’iterambere ry’umukenyezi w’umurundikazi ».Ibirori vyabereye i Bujumbura kuri Hôtel Royal Palace ahari hakoraniye amashirahamwe y’abakenyezi akorera mu kuziganya no kuguranana ,imigwi  hamwe n’amashirahamwe yo kuguranana.Muri ino  nkuru tubashikiriza intahe ya Fides Niyonkuru ,umukenyezi arongoye urunani TWARANYUZWE TURWANYE INZARA rwo  muri zone Mwumba,komine Mutaho yo mu ntara ya Gitega.

Uruganda rw’ikinyamakuru Burundi jobs rwegereye Fides Niyonkuru rumubaza ibikorwa vy’urunani arongoye hamwe n’ibihakorerwa nawe araheza arabitomora abanje kwidondora,avuga ati:

« Nitwa Fidesi Niyonkuru nserukira urunani TWARANYUZWE TURWANYE INZARA.Ishirahamwe ryacu rifise abanywanyi 250,muri aba harimwo abakenyezi 220 n’abagabo 30.Ivyo dukora biri mu bisata bikurikira:Kujisha ibiseke,salon zo kumwa imishatsi,kwubaka amaziko ya kijambere(cana rumwe),kudandaza ,imashini isya ibigori n’ibindi.

Nkuko bishikirizwa na  Niyonkuru Fides,amafaranga bakura muri ivyo bikorwa vyose bayakesha ubucuti bafitaniye n’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana CECM,agasigura ko bamaze imyaka ibiri batanguye gukorana.Maze agashima aho iterambere rigeze.

Kare sinaronka igitenge umugabo wanje atagiye gukorera abandi i Bujumbura ,Ubu twarabisezereye

Kuva Fides atanguye kuja mu runani rwo kuziganya no kuguranana aremeza ko hari vyinshi vyahindutse mu rugo kubera ubukene bwatujijwe.Amenyesha ko Ubu nawe ashobora kuzana ibikenewe mu rugo kubera akora akunguka gutyo umugabo wiwe akareka gukorera abandi ariko bagakorera hamwe mu ntumbero yo kugwiza umwimbu ahubwo mbere bagatanga akazi no ku bandi bantu.

Uwo muvyeyi w’abana bane agira ati: »Kare vyaratugora ,umugabo wanje yama guca amahera i Bujumbura kugira turonke ingene tubaho bikambabaza,naronka agatenge nambara ar’uko avuye gukorera abandi,naravyambara ariko naba mfise umubabaro. » Niko Fidesi avuga.

Kubera ingurane ya CECM ,turakora tukunguka .Turashima

Kuva mu ntango z’umwaka w’2021 ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana CECM ryaraje aho dukorera maze dutangura gukorana ,uko bihenda,turaziganya mu bigega vyaryo maze rikaduha ingurane igwijwe na kabiri.Ivyo biramfasha kwikenura mu bitari bike ,umuryango wanje ukabona gutera imbere.

Kurongora abantu benshi uri umukenyezi nta nzitizi zirimwo,igikuru ni ugutahura

Ku kibazo cerekeye uburongozi bw’umukenyezi ,Fidesi abona ko umuntu wese ashobora kuba imbere y’abandi ,igikuru ni ukumenya ico ajejwe ,agatandukanya ivy’urugo hamwe n’amabanga yo mw’ishirahamwe.

Amenyesha ko guhera ku mugabo wiwe mbere n’abandi bagabo bari mu runani rumwe ata myidogo irimwo kuko vyose bica mu mwumvikano.Mbere abibonamwo akarusho kuko Ubu ngo hari benshi bizera umuryango wiwe kugira uje gufasha mu guhuza abagize amatati,ivyo Niyonkuru abona ko bitumwa n’uko baba bashimye umubano mwiza uri mu rugo rwiwe.

MN :Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search for Common Ground ufashwe mumugongo na #USAID

 

 

 

 

Verified by MonsterInsights