Claudette Nshimirimana umukenyezi:Umukenyezi arongoye Cooperative Akaranga Gitega

Claudette Nshimirimana umukenyezi wo muri karitye nyabisindu komine n’intara ya gitega arubatse akaba afise abana batanu,ninawe arongoye association AFADD(association des femmes appliquées pour un développement durable) ifasha gushiraho no gukurikirana amakoperative aho aza yaratanguje Cooperative Akaranga Gitega.

Claudette Nshimirimana aratubwira uko yatanguye: Claudette Nshimirimana avuga ko yiyumviriye gushiraho AFADD kuko ngo naho abakenyezi baja hamwe batubaka ikintu gikomeye niko kwiyumvira gushinga AFADD kugira ifashe abakenyezi kubigisha kugira ngo bubake ikintu gikomeye.

Intango yama igoye, Claudette ntivyamworoheye kuko ngo vyari mumpapuro kubishira mungiro navyo vyari ibindi.

Buke buke bushikana umusiba k’umugezi

Claudette Nshimirimana avuga ko amaze kwemeregwa gukorera kumugaragaro,komine ya gitega yamusavye gukurikirana abakenyezi 33 bari baronkejwe ama mashine 10 yo gushona maze nawe niko kubanza kubigisha kugira ngo bubake ikinti kimwe kandi gikomeye kizobageza kwiterambere rirama.inyuma yizo nyigisho niho yaciye abashingira cooperative akaranga gitega, cooperative ikora ibitari bike bijanye nakaranga,barajisha baradesa amashuka, bagashona ibitambara nibindi…

Gato karakura

Abo bakenyezi batanguye ataco bazi ngo ariko ubu baradesa,barajisha,barakora ibitambara vyaba ivyo kumeza ndetse na mashuka

Nubwo biruko intambamyi ntizibuze ngo kuko barakeneye ama mashini akwiye,barakeneye aho gukorera hazwi habafasha gukora bakanagurisha neza ivyo bakora,basaba gushigikirwa ngo kuko ivyo bakora ari ibikora inka.

Ahamagarira abakenyezi kutisuzugura ahubwo baje hamwe nabandi kuko ngo abakenyezi barashoboye.

M.N : Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi #TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground in Burundi ufashwe mumugongo na #USAID .

Verified by MonsterInsights