NSHEMEZIMANA Pascal : aremeza ko kuvavanura n’imico n’imigenzo ituma abagabo badafasha abagore babo ibikorwa vyo mu rugo bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa bituma mu rugo haba umwuvikano n’iterambere.

 NSHEMEZIMANA Pascal : aremeza ko kuvavanura n’imico n’imigenzo ituma abagabo badafasha abagore babo ibikorwa vyo mu rugo bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa bituma mu rugo haba umwuvikano n’iterambere.

 

Icamuteye kubona ko bikenewe…

« Nitwa NSHEMEZIMANA Pascal nkaba mba muri Komine Busiga, zone Mihigo, umutumba Kididiri, agacimbiri Kasenyamisange-Kamigara. Jewe nakunze mbona nyene mu kibano abagabo benshi badafasha abagore babo ibikorwa bimwe bimwe nko gusekura, gutonora canke guhwata, guhura ibiharage no kubigosoha,n’ibindi, icibagiwe co ni uguteka. Ivyo bikorwa rero ukabona ko biruhisha abakenyezi ariko bakabura uko babigenza kuko  bagize ngo barasaba abagabo ngo babafashe babamirira kure kuko baca bababwira ko ari ivy’abagore gutyo bagapfana isoni n’ubwoba bakabikenyererako, nca ndabona ko iyo mico n’imigenzo ituma abagabo badafasha ibikorwa bimwe bimwe abagore babo atari myiza na gato. Jewe rero icanteye kubona ko nkwiye kuzofasha umugore wanje bene ivyo bikorwa nuko naja mu mashirahamwe ndi umusore ngahurirayo n’abagabo, abagore n’abakobwa nkabona twese dukora bimwe nkibaza igituma abagabo bageze mu ngo badafasha abo bubakanye bikantangaza. Ku giti canje nca ndigira inama yo kuzofasha uwo tuzubakana ubu rero ndabikora kandi nukuri bimeze neza cane mu rugo iwacu. »

Tumubajije akarusho yabisanzemwo, NSHEMEZIMANA Pascal yishuye ati : « Akarusho nasanze mu gufasha ibikorwa vyo mu rugo ni kanini cane. Ica mbere haba umwumvikano hagati y’abubakanye kuko nimba muvuye mu murima mugahurira mu rugo, ariko aratora ibiharage nawe umugabo ugahwata ibirayi muhuriza hamwe kandi umukenyezi araheza akanezerwa kuko umugabo amuri hafi. Ica kabiri, ivyo mukora vyose birabitaba bikagenda neza kuko Imana irahezagira nakare ngo ahari abakundana niyo usanga Imana ivyagiye. Ica gatatu, muraheza mugatera imbere mu vy’ubutunzi kanatsinda muba mukora mwese mushira hamwe).»

Mbega mu kibano bavyakira gute ?

Ku kijanye n’uko bamwakira mu kibano, Pascal agira ati : « Mu banyegereye hari abavyakira neza n’abandi bavyakira ukutari ko bibwira ngo nariye imiti nahawe n’umugore. »

Ngo nubwo vyari uko, Pascal ngo yabandanya ivyo bikorwa ngo kuko bitari ivyo yohejwe, ahubwo yari ingingo nziza yifatiye ubwiwe kuko yari yaramaze kubona ko bizotuma bagera kure mu rugo rwabo ; kandi ngo ikimuhimbara ni uko munyuma babonye ingene bumvikana n’umufasha wiwe babatangarira ; vyongeye ngo wewe arazi ico aba ariko arakora ngo kuko urugo rwubakwa na bose ni ukuvuga umugabo hamwe n’umugore.

Hoba bari abamaze kwamura ivyamwa vyiza kuri Pascal ?

Nk’uko abishingira intahe, yemeza ko hari bamwe bamubona uko ashigikira umugore wiwe muri ivyo bikorwa bisa naho vyahariwe abakenyezi ubwa mbere bakamutwenga, ariko mu nyuma bagera iwabo bakabiganirako bagasanga ahubwo n’uwo kwigirako : « Emwe hari abagenzi bagera kuri babiri iminsi yose bambonye noza ibikoresho vyo mu nzu mu gihe umugore yaba ariko arateka canke akora ibindi, bagenda baranterako inkuru yuko mukanje yanyifatiye. Ariko mu nyuma tuganiriye nkabasobanurira neza ivyiza birimwo, bahavuye nabo buhorobuhoro bavyimenyereza none ubu ntiworaba ingene mu ngo zabo harangwa umwumvikano mu gihe ubwa mbere batacana uwaka n’abafasha babo. »

NSHEMEZIMANA Pascal aratanga impanuro ku bandi bagabo…

« Bova i buzimu bakaja ibuntu. Bakwiye kumenya ko ibintu vyahindutse. Niyo mpamvu abagabo batarajijuka ngo bashigikire abagore babo mu bikorwa vyo mu rugo,nobahanura ko bohindura ingendo bagafashanya no kuganira bakaganira uko bakwiye gufashanya kuko ico kiganiro kizobazanira ibindi vyiza vyinshi ; ntibabone yuko umugore ari nyagupfa ahubwo bamushigikirishe uko kumusahiriza mu bikorwa. Ni ukuri nobwira abagabo ko ubuzima bafise n’abagore ari bwo bafise kandi uko bazofashanya bazoba bariko barabungabungana, mu rugo nta nyagupfa nta nyagukira kanatsinda igihe turagana imbere y’amatege n’imbere y’Imana turiyemerera ko tubaye umwe ; rero iyo dufashanije muri vyose bizana umwumvikano n’iterambere. »

MN: iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search for common Ground ufashwe mu mugongo na Usaid

 

 

 

Verified by MonsterInsights