Daphrose Niyonzima: Umukenyezi asanzwe akora umwuga wo gukora ama telefone

Abakenyezi barashoboye imyuga imenyerewe gukorwa n’abagabo.

Daphrose niyonzima umukenyezi aba mu ntara ya gitega umutumba nyarusange akaba amaze imyaka ibiri yubatse akaba afise umwana umwe.
Daphrose niyonzima asanzwe akora umwuga wo gukora ama telefone umwuga yatanguye kuva mu mwaka wi 2019,avuga ko yiyumviriye uwo mwuga kubera asanzwe yari yize ibijanye nuwo mwuga (informatique de télécommunication) ninako guhura nuwo bubakanye maze nawe kubera arivyo yarasanzwe akora aramufasha daphrose abona gutangura neza uwo mwuga.


Akarusho ngo ni kenshi kuko ako kazi karamusahiriza mu bitari bike maze bigatuma adatega amaboko umugabo muri vyose.

Nubwo biruko ngo intambamyi ngo ntizibuze,daphrose avuga ko adafise aho akorera heza ndetse kwatanibikoresho bikwiye afise bimufasha gukora neza uwo mwuga.
Akaba yifuza kuronka aho akorera heza ndetse bikoresho (pieces de rechanges)
Uwushaka umubira abira akuya
Daphrose niyonzima avuga ko ako kazi katamubuza gukora akazi ko mu rugo naho ngo aruha cane kuko akazi ko muhira aheza akagakora ijoro bigatuma aryama atevye ndetse anarushe.
Umushingantahe wiwe n’ikibano bavyakira gute?
Umushingantahe wiwe arabinezererewe kuko ngo ninawe yamwinjije neza muruwo mwuga,ikibano ngo kirabinezerewe  kuko ngo iyo hagize umubanyi agatelefone kiwe gapfa aca agasimbana maze nawe akakamukorera atakibazo.
Ahamagarira abandi bakenyezi nabigeme kutisuzugura mu kazi akariko kose ngo kuko atagishoboka mu buzima.
M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID.
Verified by MonsterInsights