KARIRAMAGURU Déo : Ugukora ibikorwa vyo mu rugo (Guteka, Gusatura inkwi,kuvoma) abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo.

KARIRAMAGURU Déo : Ugukora ibikorwa vyo mu rugo  (Guteka, Gusatura inkwi,kuvoma) abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo.

Mu mico y’ikirundi, amazina bita umukenyezi arerekana ko gukora ibikorwa vyo mu rugo (guteka,gusatura inkwi,kuvoma n’ibindi) biraba umukenyezi aha twovuga: umunyakigo, umuzezwanzu n’ayandi. Iyo hagize umugabo ashigikira umugore wiwe mu kurangura ivyo bikorwa hari abatabitahura,bakabifata nk’aho atajambo agira mu rugo, ariko Déo wo ku mutumba MUSHITSI, abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo.

Turi ku mutumba Mushitsi,Zone Buye,agacimbiri Kandaro ni muri Komine Mwumba,tukaba turi mu rugo kwa Déo KARIRAMAGURU aho twamusanze ariko aratora ibiharage bahava bakinjika.Niko kumubaza impamvu ariko arabikora naho umukenyezi wiwe yaroye.

Déo ati : ˝ Ndiko ndatora ibiharage mpava nteka umufasha wanje nawe ariko arakora utundi.̏

Tumubajije igituma ateka yishuye ati :˝Gufasha udukorwa umugore wanje ndabibonamwo inyungu nyinshi. Guteka rero ndabifata nk’ibindi bikorwa vyose kandi ndabikora nezerewe kuko nawe ntaba yicaye abari ari mubindi bikorwa.Nta bikorwa vyahariwe abakenyezi gusa,mu rugo ni ugufashanya.

Uko bamubona mu rugo

˝Yoooooo,mu rugo iwanje barahimbawe cane kuko ubwa mbere ivyo sinabibazwa mugihe nyina w’abana adahari ntakabuza baraburara, ariko ubu baribonera ko dufashanya muri vyose kandi barabinshimira kuko bibonera iterambere bizanira urugo .̏

Mu kibano hoho bamwakira gute?

Ku cerekeye ukuntu mu kibano bamwakira mu gihe bamubona akora ibikorwa nk’ivyo, Déo avuga ko akibitangura mu kibano batamutahura:˝Mu misi ya mbere bamwe bavuga ngo nganzwa n’umugore,abandi ngo yarampaye umuti ngo kuko ntamugabo wo guteka afise umugore ; hariho n’abanyinuba ngiye nko kw’ibare bakankumira ngo ntamugabo ndimwo sinkwiye kunywera aho bari .̏ Ariko ubu, abatari bake bariko barabitahura nkiyo babonye iterambere  tugezeko n’umufasha wanje, badutangarira, bambajije nkabahishuka yuko vyose tubikesha gufashanya muri vyose.

Hoba hari abo Déo yabereye icitegererezo

Nk’uko abituyagira, aremeza ko ku mutumba abako hari abamaze guhinduka bamwigiyeko. Agira ati :˝Hari umuryango wari mu ngorane z’ubukene bivanye nuko umugabo yatana udukorwa umugore nawe akishinga inzoga. Yaranyegereye ansaba impanuro,nanje naramweretse neza ko akwiye kuvavanura n’ingendo mbi yo gutererana ibikorwa umugore wiwe, ndamwumvisha ko atabikorwa vyahariwe umugore ; ahubwo ko gufashanya muri vyose bituma urugo rutera imbere kandi bigahesha agaciro n’agateka umuryango. Uwo rero ubu urugo rwiwe rwifashe neza barafashanya n’umugore wiwe kandi n’abandi baramwigiyeko barahinduka .̏

MN: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi Tuyage wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mu mugongo na USAID

Verified by MonsterInsights