Deo Bizimana: Ugukora ibikorwa vyo murugo (guheka abana, guteka kwoza amasahani) uri umugabo, kubwiwe ngo ntibisigura ko uba uganzwa numugore

Deo Bizimana: Ugukora ibikorwa vyo murugo (guheka abana, guteka kwoza amasahani) uri umugabo, kubwiwe ngo ntibisigura ko uba uganzwa numugore canke warariye umuti(jondama) ahubwo n’ ikiranga umwumvikano mu rugo

Mu mico y’ikirundi biramenyerewe ko umugore akora ibikorwa vyinshi:gusenya ,kuvoma,guteka,kwoza abana n’ibindi.Iyo habonetse umugabo yunganira umugore muri ivyo bikorwa ,hari ababifata nkaho yoba yarariye imiti canke ko aganzwa n’umugore ariko Juma wo mu Kanyosha siko abibona .Kurikira inkuru yiwe.

Tugeze ku gihe c’ isaha zitanu n’iminota 25 z’umutaga .Turi  mu rugo kwa Deo Bizimana batazira Juma muri zone Kanyosha,quartier Gisyo kw’ibarabara rya 6,amasaha yuko abanyeshure bataha ariko aregereza.Dusanze Serugo(Juma) ariko aroza ivyombo,iruhande naho turabona imbabura ,n’imboga zigomba zije ku ziko.Niko kumubaza uwugomba abikore kuko ata mukenyezi ahaboneka canke  umwana akuze .Juma ati: »vyose ni jewe ndabikora kandi ndabikora neza vyongeye ndanyarutsa kugira abana(abanyeshure) basange nabitunganije ntibacererwe ivyigwa . »

Tumubajije igituma abikora gutyo kandi ari umugabo yishuye ati: »umukenyezi wanje akora ivyo gushona ,iyo atari hano nanje ndashoboye gukora vyose ,ntana kimwe cononekara ngo nuko atari i muhira kuko nawe aba yagiye kurondera ibitunga umuryango wacu. »Arongerako ati: »Erega urugo ni babiri,kugira bigende neza turafashanya .Igikuru n’uko vyose bikorwa mu kwubahana no gutahurana. »

Kubw’uwo muvyeyi w’abana munani ngo n’ugutahura ko ibintu bihinduka .Atanga akarorero kubera kuronka umukozi bidashobokera bose arashima ko umugore n’umugabo baca bafashanya ibikorwa .Iyo babikoranye intumbero yo kwuzuzanya Juma abona ko ari akarusho.

Uko bamubona mu nzu iwe

« Jewe nkwije imyaka 19 nubatse ,ubu abana narabigishije guteka kuko nanje navyigishijwe kuva nkiri muto,iyo bari ngaha nibo babikora ariko mu gihe ndi hano je nyene ndabitegura kandi neza mbere ho iwanje barabinshimira uhereye ku mufasha wanje n’abana dusangiye. »

Abo mu kibano bamwakira gute?

Ku bijanye n’ukuntu ababanyi  bamubona iyo adacagura ibikorwa ngo nuko ari serugo Juma ntarya umunwa aratomora neza ko na cane cane urwaruka rutamwihanganira : »Hari bamwe bavuga ko nariye jondama »imiti ituma nkora n’ivyokozwe n’umukenyezi »,abandi bakantuka ngo nta mugabo ndimwo n’ibindi.Ariko ntibinca intege kubera ndazi yuko umukenyezi wanje yitwa umufasha, rero umufasha aratandukanye n’umuja ,tubwirizwa gufashanya muri vyose ».

Hoba hari abo Juma yabereye akarorero?

Nkuko abituyagira aremeza yuko uno musi hari imiryango myinshi yamufatiyeko akarorero bitumwe n’impanuro ziwe .

Agira ati: »Hari aho nigeze kuja kuramukanya ,umwana muto araheza abisha mu gahuzu yambaye,se aramureka kumugirira isuku akaguma arindiriye ko nyina ashika ngo atunganye umwana,naciye ndamuhanura ndamwereka ko umwanda ku mwana wiwe ntibitukisha umugore gusa ariko bitukisha urugo rwose .Ndongera ndamwereka ko n’indwara yoturuka kw’isuku rike igafata umwe mu rugo ,inkurikizi zizobakorako bose .Nongera ndamwumvisha ko ivyiza bitashe iwabo  ,bizoha iteka urugo rwose utanguriye ku mugabo n’umufasha wiwe. »Ndashima ko ubu bahinduye ingendo.

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID

Verified by MonsterInsights