Kaneza Francine:Umwigeme akora akazi kubufundi bw’amatara(électricienne)

Kaneza Francine Umwigeme akora akazi kubufundi bw’amatara(electricienne) no kubungabunga ivyuma vyo kwa muganga ku bitaro, Ku bwiwe  abigeme ntibotinya gukurikirana uwo mwuga kuko nabo barashoboye .

Ikinyamakuru Burundi jobs cagendeye Kaneza Francine,umwigeme akora ivy’umuyagankuba hamwe n’ibimashini bifasha kwa muganga.Aratwiganira ingene yatanguye uwo mwuga:

« Nawutanguye nkiri muto cane .Ico gihe nari mu mwaka w’umunani niho natangura igisata ca Electromecanique kuri ETS Kiryama .Ico gihe nagiye ntanezerewe kuko nibaza ko ishure y’imyuga ari iyijamwo abana badaciye ubwenge.Bukebuke nagiye ndahamenyera mbere nsanga ngiye ndaba mu bambere ,abigisha bakaza barantera intege kugira mbandanye ivyigwa ,twagiye guheza igice ca kabiri (cycle supérieur)turi abakobwa 3 ku bahungu 30.

Waronse gute inguvu zo kubandanya gushika uheze ayo mashure ?

Ndibuka umusi wa mbere aho twaja mu bikorwa vyo kwimenyereza T P(Travaux Pratiques ),narabikoze neza maze umwigisha arasaba abandi ngo bankomere amashi.Mwomenya ko ico gihe jewe nasanze bavuga ko umukobwa mushasha adashobora kumenya atabanje gusibira canke kudubura (kuyobegwa).Uwo mwaka ndamenya mboneraho kubandanya niga ku Kiryama gushika aho nkora ikibazo ca reta nca niga muri Kaminuza y’uburundi mu gisata ca F.S.I(Faculté des Sciences de l’ingénieur i Kiriri. »

Ku kazi umwigeme akora ivy’umuyagankuba abonwa gute?

Kubwiwe Francine avuga ko  ata  ngorane n’imwe irimwo ariko ngo abamubona yurira ingazi baratangara bakaza kumusamarira kubona umwigeme yurira hejuru ukamenga ni imbwa yuriye inzu .Ariko ngo bakwiye gutahura ko ivyo umuhungu ashoboye umukobwa nawe arabishobora iyo avyize neza .Nkuko tubibwirwa na Kaneza agira ati: »iyo abantu babonye ko ubikora neza hari abatwegera bakaturangira ibiraka vyo kubashiriramwo umuyagankuba iwabo gutyo tukaronka akarusho mu vyo kwibeshaho « .

« Nta nzu yanje noha umukobwa yohava ayiturira ! »,ivyo birekere abahungu .Nta bufundi bw’abakobwa! »

Ayo ni amwe mu majambo abwirwa abakobwa iyo bavuze ko bashima ivyigwa vy’imyuga nko kwubaka,umuyagankuba n’ibindi akenshi kandi abavyeyi ngo barabigiramwo uruhara mu guca intege abana babo.Francine abona ko ivyo vyiyumviro bikwiye guhinduka kuko umwigeme nawe arashoboye gukora neza vyose nkuko abahungu bashobora gukora neza iyo bavyize.

Ku bantu banebagura abigeme ngo bohava baturira inzu Uwo mwigeme avuga ko biriko birahinduka kuko ubu ngo hari abizera guha akazi abakobwa kuruta abagabo kuko abafundi b’abigeme ngo ntibiba ibikoresho.Ivyo vyemezwa na Francine Kaneza.

Ku bavyeyi naho ngo boreka umwana akiga umwuga kuko urakiza ,aho kubabuza ahubwo bakabashigikira .

Uwukonera kumuha ikiraka yomurondera kuri izi numero: +25771183116

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID

 

 

Verified by MonsterInsights