Diane Ndayishimiye :umukenyezi akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu n’imodoka taxi

Diane Ndayishimiye :umukenyezi akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu n’imodoka taxi.

 

Diane Ndayishimiye , umukenyenzi  w’ imyaka 32 aba muri quartier Rusuguti mugisagara ca Ngozi. Umuvyeyi w’abana 3, asanzwe akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu kw’ibarabara rya Ngozi-Gitega .Avugako abimazemwo imyaka 2 .

Mukwinjira muruyo mwuga yari ashomereye igihe kinini vyose. Ivyakeneye vyose akabizera kumugabo .Niko kwigira inama yokwiga imodoka.

Diane Ndayishimiye ati : » muntango vyarangora , nkumva ubwoba kuko nabona ari akazi k’abagabo .

Ubu naramaze kumenyera ndi umushoferi nk’abandi.

Aba kiriya baramenyereye kuko ngitangura babonako nobatemvya . Ariko ubu barantanguranwa kuko bavugako ngenda neza atamuvuduko. »

 

 

Kubijanye n’akarusho , Diane Ndayishimiye avuga ati : » ubu ndaterera bimwe biboneka mubikorwa vy’umuryango  ibikenewe vy’urugo canke abana n’ivyanje nyene ndabironka, umugabo nawe agakora imigambi y’iterambere ry’urugo. »

Uwo mukenyezi avugako n’umugabo avyishimira kuko abona akarusho gakomeye.

Kubakenyezi n’abigeme bagitinya kwinjira mu myuga harimwo uwo kunyonga imodoka , Diane Ndayishimiye  abonako bovyikuramwo : » Ntamwuga n’umwe umugabo yokora , twebwe abakenyezi tudashoboye . Naho vyoba aribisaba inguvu , tworeka gusa guhereza rimwe ariko twokora . Rero bajijuke , bareke kuzinga amaboko , barondere ico bakora, biteze imbere n’imiryango yabo. »

Diane Ndayishimiye, abandanya atumenyesha kandi ko ata hohoterwa canke ikumirwa rifatiye kugitsina arahura naryo mukazi kiwe.

Nayo kubinuba imodoka zinyongwa n’abakenyezi , Diane Ndayishimiye  akabamenyesha ahubwo ko  bozijukira : » Abakenyezi ntibafata nabi , ngo batuke abakiriya , ntibiruka kumuvuduko munini, kandi ntibazimba. »

Akabasaba guhindura ingendo kugira mbere bashigikire umukenyezi we nkingi y’ iterambere.

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID.

Verified by MonsterInsights