Jinama Edwige ni umwigeme arongoye ishirahamwe ryubaka amazu asanzwe hamwe n’amagorofa

Jinama Edwige ni umwigeme arongoye ishirahamwe ryubaka amazu asanzwe hamwe n’amagorofa.

Indoto yiwe ni ukubona igisagara cubatswe mu buryo bwubahiriza ibidukikije.Ahamagarira abandi bakenyezi gukura amaboko mu mpuzu batahure ko babwirizwa kwunganira abagabo babo biciye mu kugwiza ibikorwa ata gucagura kuko akazi gato karashobora kuvamwo akandi kanini.

Ikinyamakuru Burundi Jobs caragendeye Edwige Jinama ,umuyobozi wa Jinama Enterprise,aho camusanze kuri chantier nkuko bavyita mu mvugo y’ubuhinga bw’abubatsi.Yaratuyagiye ingene atunganya akazi ,indoto yiwe yo muri kazoza hamwe n’impanuro ku bigeme canke abakenyezi mu bijanye n’ugukora cane cane muri iki gihe akazi kagoye kuronka .

Burundi jobs: Watanguye kuba umwubatsikazi ryari?

Edwige:Ubwa mbere navyize muri kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika(université Espoir d’Afrique).Naciye mu gisata cigisha ubuhinga bwo kwubaka( Département de Génie  civil, option bâtiment).

Burundi jobs:Ni gute waronse ingene winjira neza mu mwuga wo kwubaka mu gihe tuzi ko ubuzi bugoye kuronka?

Edwige:Kugira ntangure ivyo bikorwa naronse aho nimenyereza akazi( stage professionnel)mw’ishirahamwe New Generation aho nari uwunganira umufundi yari ahamenyereye.Haciye imisi uwo mufundi mukuru yaragiye ahandi,nanje niho natangura kuja ndafata mu minwe ibikorwa bimwe bimwe nkabikora ka mufundi yabinonosoye.

Burundi jobs:Iciyumviro co gushinga Jinama Enterprise cakujemwo gute?

Edwige:Ni kubera nagumye numva umenga nanje ndafise ideni ryo guterera mu kibano ngatanga akazi ku rundi rwaruka,nkongera nkagira ico nterereye mu buzima bw’igihugu.Mu kwezi kw’icenda 2020 niho Iryo shirahamwe ryandikwa mu kigo kibijejwe API ubu ni ADB(agence de développement du Burundi).Ubu harimwo abo dukorana imisi yose hakaba n’abandi bakora ibiraka.

Burundi jobs:Ni igiki wobwira abigeme canke abakenyezi ku bijanye n’umwuga w’ubwubatsi?

Edwige:umwuga wo kwubaka urimwo amafaranga menshi kandi urimwo n’impanuka. Ayo mahera n’ukuyakoresha neza kuko haragera ibihe usanga ibikoresho vyazimvye canke abakozi bagakena.Iyo utakoresheje neza uburyo akazi gaca kagenda nabi kandi abakurondera baracika intege bakaguheba.Ikindi ni ukugira ubwizigirwa.Iyo umu client aguhaye isoko ni vyiza ko umukorera neza ukamwereka vyose ingene bimeze araheza akakwizera no hanyuma.Kuko Uno mwuga ni ibikorwa bigeragezanya,vyukuri umufundi mwiza yovyirinda kuko ico ukoresha cose kigurwa amahera kandi atari make uhereye kw’isima,ibipawa….ikintu nyamakuru ni ukubikorana uburwaneza,ukumva ko woshimishwa nuko ubikoze ata busuma.Bituma wizerwa cane hanyuma ivyo navyo biguteza imbere mu kazi.

Iruhande y’ivyo ,abakenyezi bomenya ko atari umugabo wenyene akwiye kuronderera umuryango.Naho ata buzi buboneka nukugerageza bagakora ntibakengere akazi.Hari abavuga ngo ntibokoresha umutahe w’ibihumbi ijana kumbure ngo ni muto.N’ugutangurira muri ivyo bito kuko muri kazoza uratera imbere iyo wabikoze neza.

Ishirahamwe Jinama Enterprise rikora ivyigwa ,ibicapo (plans) vy’inyubakwa zaba inzu zisanzwe canke igorofa.Icicaro caryo kiri mu kigo Ndongozi hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Verified by MonsterInsights