EMEDIENNE NKUNDIMANA, UMWIGEME W’UMUYANGAYANGA (YOTSA INYAMA), AKAZI KIWE GATUMA ASHOBORA KWIBESHAHO N’UMURYANGO WIWE

EMEDIENNE NKUNDIMANA, UMWIGEME W’UMUYANGAYANGA (YOTSA INYAMA), AKAZI KIWE GATUMA ASHOBORA KWIBESHAHO N’UMURYANGO WIWE

Emedienne NKUNDIMANA,umwigeme w’umuyangayanga

Tumenyereye akazi ko kwotsa inyama mu bu bare ari akazi kagenewe abagabo, ibihe bishir’ibindi, n’abigeme baratanguye kuja baribonekeza aho akabare usanga veterineri ari umwigeme canke umpfasoni kandi ntakumirwa canke ihohoterwa rifatiye kugitsina arahura naryo. Abagabo bakorana aka kazi barabishima . Uyu n’umwe twaganiriye.

 Yitwa Emedienne NKUNDIMANA,n’umwigeme aba I Sororezo akaba ari umuyangayanga  . Turiko turaganira twahagaraye cane ku kazi akora gasanzwe gafatwa mu kibano nk’akazi k’abagabo, veterinaire wo mu kabare.

Tugerageje kuganira  nawe yatubwiye ko vyose vyatanguye akunda kwotsa inyama,”kuba umu veterinaire uvyisangamwo, ugiye uraraba uko abandi babikora ntaho novuga navyigiye naravye uko abandi babikora gutyo nisanga natanguye kwotsa”, nkuko Emedienne abivuga.

NTIBIMUTERA ISONI KURANGURA AKO KAZI

Icashimir’Imana ca mbere nuko  aho abandi basanzwe bakora ako kazi ,abagabo, batigeze bamuc’intege kuko ngo akora inyama ziryoshe nkuko bivugwa n’umwe twasanze aho akorera. Vyongeye, bavuga ko bashima ukuntu bitamuter’isoni bamubona nk’igitangaro.

«Akenshi iyo abantu bateramiye hamwe barankota nkaca ndabokereza inyama (barbecue) benshi barazikunda kandi ndashiramwo ibirungo bikwiye ndetse nkanayimarina neza kugir’itoke ikundwe n’abakiriya» bivugwa na Emedienne.

NORONKA AMAHERA NOKWONGEREZA UMUTAHE

Arongera ati:”Umutahe wa mbere n’abavyeyi bawumpaye muga kubera ko abakiriya babaye benshi ,noronka amahera yandi no kwongereza kuko nk’ubu inyama zihera kare kandi naje ntibikunda ko ncansubira aho ndazigurira binyoroheye”.

Icabwiye abandi bakenyezi n’abigeme n’uko batotinya kwiga ico bashaka kuko harya vyose ni bukebuke uriga ukamenya. Kandi, nta mwuga udakiza kuko jewe ndafasha abavyeyi banje basa n’abageze mu zabukuru  ndabafungurira, nkiyambika eka n’utundi tuba dukenewe mu buzima bwa minsi yose ndaturonka muyo mba naciye mu buyangayanga.

  Par Liesse AYINKAMIYE

Verified by MonsterInsights