WIA54: Abakenyezi b’abarundikazi bakwiye kwijukira ubuhinga ngurukanabumenyi

WIA54: Abakenyezi b’abarundikazi bikorera ivyabo bakwiye kwijukira ubuhinga ngurukanabumenyi kugira ibikorwa vyabo bimenyekane  mu makungu

« Kugira ibikorwa vyacu bimenyekane ,hari imigenzo imwe imwe abarundikazi dukwiye guheba.Iyo umukenyezi w’umurundikazi akora ibintu ahimbarwa no kubinyegeza ariko si vyiza .N’ukubishira ahabona kugira aronke ababigura gutyo bimufashe kugwiza umwimbu « .Bivugwa n’umushingamateka Spes Caritas Njebarikanuye.

Niko Samanta Inarukundo arongoye ishirahamwe Two Five Seven Art abibona agira ati iyo umwigeme atarubaka canke umukenyezi avuze imigambi yiwe canke ibikorwa bimuzanira amafaranga,hari benshi bamubonamwo ubwishime,ubushirasoni n’ibindi ariko turakwiye guhinduka kugira ngo ivyo dukora ni vyamenyekana cane bizotuma turonka uburyo dukore imigambi yacu,mbere dufashe abo dukeneye  natwe .

Ivyo bikaba vyashikirijwe mu kiganiro catunganijwe n’umugambi WIA54(Women In Africa) ufadikanije n’ishirahamwe AFAB ku muhingamo wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2022 i Bujumbura mu ntumbero yo gusigurira abakenyezi bakora ivyabo ihiganwa ry’abakenyezi ku rwego rwa Afrika aho mu Burundi hazotorwa abagera kuri 10 maze bahabwe inyigisho,impanuro z’uko batunganya imigambi  no kwamamaza ibikorwa vyabo .

Uwambere azotsindira ibahasha ry’ama euros 10.000 ,kwiyandikisha bikazorangira igenekerezo rya 31 z’ukwa gatanu uno mwaka.

 Akagohe gakebura abakenyezi bashaka gushikana Kure ibikorwa vyabo

 Mu gihe ubuhinga bwa none bukoreshwa  mu bisata bitandukanye vy’ubuzima.Abarundikazi benshi ngo ntibaramenyera kubukoresha neza ku buryo bibazanira inyungu naho boba bakora ibintu biteye igomwe ,abenshi ntibavyitaho abandi ugasanga no kugerageza ntibabigerageza.

Bivugwa na Dacia Munezero,umwe mu bakenyezi bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi akaba n’umwanditsi wa Yaga .

Nkuko abisigura ,hari igihe haboneka ubutumire bwo ku rwego mpuzamakungu busaba abakenyezi ngo biyandikishe baciye ku kiraro gitangwa muri ubwo butumire ,ugasanga benshi ntibirirwa baranagerageza .Bakavuga ko atavyo bashobora gutyo  bakabiheba ,canke bakiyumvira ngo harimwo aka mwana wa mama ,bakabireka .Ni kenshi  bava mu mahiganwa yotumye ivyabo bimenyekana no mu mahanga.

Kubwa Immaculée Nsengiyumva,umunyamabanga mukuru wa AFAB ,ishirahamwe ry’abakenyezi bikorera ivyabo b’abarundikazi ,ubu tugana aho ubuhinga bwa none bufise ikibanza kinini mu buzima .Abakenyezi nabo barakwiye kubwiga cane.

Agira ati: »Hari abakenyezi usanga bakora ibintu vyiza cane mugabo ntibashobore kubishira kuri internet aho vyobonwa na benshi ugasanga batazi n’aho bofyonda kugira babitangure. »

Umwigeme ashaka gu postula yofyonda kuriki kiraro : https://www.burundijobs.bi/appel-a-candidatures-du-programme-wia54/

umunsi wanyuma woku depoza ni le 31/05/2022

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID

Verified by MonsterInsights