Iterambere rirama ritangurira mu gutez’imbere umukenyezi

Iterambere rirama ritangurira mu gutez’imbere umukenyezi.

Umukenyezi niwe nkingi y’iterambere mu bisata bitandukanye haba mu mibano,amagara y’abantu,ubutunzi canke ibindi.Kukaba nkako niwe inarugo,iyo abayeho neza birabonekera kubo mu nzu bose guhera kw’isuku,ugufungura neza ,ubumenyi n’ibindi.Kugira umukenyezi ashikire iryo terambere igihugu kiratanga intumbero nyamukuru ariko umugabo mu rugo niwe mushinge wa vyose,niwe mugabo-karorero .Muri ino nkuru turabire hamwe abigeme n’abakenyezi bafata iy’ambere mu bikorwa vy’iterambere hamwe n’umugabo atahura uruhara rwiwe mu gufasha uwo bubakanye kugira urugo rwabo rugire iteka.

 Umugabo-karorero ni uwufasha umugore ibikorwa

Ku mazina yiwe  ni Nkeshimana Prudent , umugabo -karorero ,yaramaze gutahura uruhara rw’umugabo mw’iterambere ry’umuryango .

Turi  kuwa gatanu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2022.Igihe c’isaha  icenda z’umuhingamo,muri zone Musaga, iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.Prudent Nkeshimana tumusanze imbere y’aho aba ku kabarabara numéro 4 ateruye umwana .Niko kumusaba ngo tuganire ku ruhara rw’umugabo mw’iterambere ry’urugo  araheza aratwishura mu majambo akurikira: »

Twe na Chantal Ndereyimana ,umufasha wanje.Dufise  abana 3,tukaba dukwije imyaka 10 twubatse kandi tubanye neza.Iyo ndi i muhira,jewe ndafasha umugore wanje gukora.Ntanakimwe ntakora yaba kumesa,kuvoma ,guteka canke ibindi iyo mbona ko bikenewe.Ikimpa umunezero nuko nobona biriko biragenda neza mu rugo.

Uwo muvyeyi w’abana batatu atomora ko umugore wiwe akora ivyo kudandaza,agira ati iyo arushe canke atari hafi, ivyo vyose ndabikora kugira ngo ndamwunganire kuko naho ari jewe mutwe w’urugo ndatahura ko urugo ari ugufashanya hagati y’abubakanye ».Niko Prudent abivuga.

Hari abamuca intege ariko ntiyahevye

Kubera  ingendo yo gufasha umugore wiwe,Prudent ntiyama yoroherwa.Asigura ko hari ababanyi bamwe bamubwira ko aganzwa n’umugore,canke ngo umugore wawe yarakwifatiye,arakurengera …Nkuko tuvyiganirwa na Prudent abo babanyi babona ko hari ibikorwa vyagenewe abagabo ,ibindi navyo bikagenerwa abagore ,bati rero wewe wobirekera umugore kuko wewe uri umutware  mu rugo rwawe. ».Ivyo adashima.

Umukenyezi mu burongozi,bisaba kugira umwete nta kindi

Abakobwa canke abakenyezi bamwe barikengera,ugasanga ntibemera no kuvuga mu makoraniro canke mu biganiro bihuza abantu benshi.Estella Gahimbare arongoye ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana ryo mu Nyakabiga nawe ngo niko yahora ameze ariko Ubu yarahinduye ingendo agahanura abandi bigeme gukerebuka kuko iterambere rica mu bikorwa.

Estella arongoye SHIGIKIRIKIBONDO,umugwi wo kuziganya no kuguranana ,igisata gishigikiwe na FVS Abagenzi b’abana.Gahimbare yize ivyigwa vy’ubutunzi muri kaminuza y’uburundi ,avuga ko kuba imbere y’abandi bitamworoheye ariko Ubu ngo bimeze neza : »Ndibuka muri 2015 ishure narimwo barantoye ngo ndababere umukuru,naravyanse ndarahira ko ntabishoboye.Abayobozi barambwiye ko bazompa ibihano ariko sinashoboye kurongora abandi.Ni ingorane.

Ubu yarahinduye ingendo

Nkuko Gahimbare abituyagira ,uburongozi bwa SHIGIKIRIKIBONDO yo muri zone Nyakabiga abumazemwo umwaka kandi bimeze neza: »ishirahamwe ryacu ririmwo abagabo ,abakenyezi ,imisore n’inkumi bakuze harimwo abansumba benshi.Igihe bantora ngo ndabatware ,jewe naragira ubwoba no mugushikiriza ijambo mu nama,ubwoba bwaranyica,nkibagira ivyo nateguye kuvuga,nkajugumira…ariko Ubu naramenyereye kubera abandi banyeretse ko bantahura kandi bakanshigikira .Ubu ndabikora neza.Vyemezwa na Estella Gahimbare.Ku bwiwe abandi bigeme bokura mu mutwe ubwoba bakarondera .Vyiza ngo botangurira ku ndoto zabo,bisigura kirya gikorwa umuntu yama yiyumvamwo kenshi ,kirya kigaruka mu vyiyumviro kenshi.Nkuko uwo murongozi abisigura ngo ni ugutangurira ku ntambwe ya mbere ibindi birakurikira kandi bikagenda neza.Ku bijanye n’ishirahamwe arimwo, Gahimbare avuga ko rimaze gukora imigambi itandukanye harimwo gutanga ingurane ,kuziganya mbere ngo harategekanijwe igikorwa co gufasha abana batishoboye ngo baronke impuzu hamwe n’ibikoresho vy’ishure nabo bige nk’abandi.

Umukenyezi mu kwitunganiriza imigambi y’iterambere

Muri ino nkuru tubayagira umupfasoni Emelyne Hakizimana .Ni umumenyeshamakuru i Bujumbura.Umugambi wiwe ni urudandazwa rw’ibikoresho :ibiseke,inkoko n’ibiziriko

Nkuko Emelyne abidusigurira uwo mugambi waje kuva igihe yagenda i Nyarusange mu ntara ya Gitega abona abakenyezi bakora ivyo kujisha bakabikorera i muhira maze bagafata urugendo runini baja kw’isoko kandi ngo baronka uduhera duke.Niho yabasaba ngo bakorane nawe abagabanirize urugendo.Nkuko avyemeza Ubu abo bakora ivyo kujisha babikorera iwabo i Nyarusange maze Emelyne akabibagurira akoresheje ubuhinga bwo kurungika amafaranga bidaciye mu minwe gutyo igikorwa c’abo bajisha kikoroha.Nkuko  Emelyne abandanya abitubwira uwo mugwi bakorana ugizwe n’abajisha 5,abakenyezi 4 bajisha ibiseke n’inkoko umugabo 1 nawe akajisha ibiziriko.

Hakizimana Emelyne avuga ko akiri ku ntango ,mu migambi ya kazoza ngo arakeneye kubikomeza ku buryo yotanga akazi kuri benshi gutyo akazoba agize intererano mw’iterambere rusangi.

MN:iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi Tuyage wishirahamwe Search for common Ground ufashwe mu mugongo na Usaid

Verified by MonsterInsights