Kurangura umugambi wo kwiteza imbere bisaba kudacika intege

 Kurangura umugambi wo kwiteza imbere bisaba kudacika intege

 

Kankindi fides caritas batazira kafica  yabaye akarorero ahabaye muri karitiye ya magarama yi komine ya gitega mu gukora umugambi wo kwiteza imbere ujanye no kworora inkoko.

Uwo mukenyezi yatanguye   akora amasabune munyuma akora ibitumbura ariko abona n’ubundi ntariko arunguka nk’uko avyifuza  niko guteka umutwe w’ikindi cunguka gusumba yorangura aca ahitamwo ubworozi bw’inkoko.

Mu ntango ntivyari vyoroshe ariko ntivyamuciye intege

Uwo mukenyezi Fidesi ntiyacitse intege ngo ntiyungutse neza kuriyo migambi yose yabanje kurangura niko guca afata udufaranga yagiye arabika atangura uwo  mugambi wo kworora inkoko zishika kuri 50.

Mu ntango ntiyorohewe kuronka ibiryo vyazo ariko ubu arashima intambwe agezeko kuko izo nkoko ubu zirigaburira mu magi zita n’abana bagashikirwa no gufungura amagi kandi akongera akikenura.

Mu kibano baramutangarira cane cane kurubwo bworozi aho mbere ubu  bamusaba kubigisha.

 

 Urugo ni babiri

umushingantahe  wa Fidesi  arabinezererewe cane kubona ataciruka arumwe aronderera urugo. Mbere  ngo iyo atahari niwe azigaburira akaraba nuko  atayigwaye.

Icifuzo ciwe ngo n’ukugura imashine ibundikira amagi maze nawe aze aragurisha imiswi ndetse anatunge nyishi.

Uwo mukenyezi  ahamagarira abandi bakenyezi gukura amaboko mu mpuzu ntibame biteze kwari abashingantahe babo babaronderera ngo kanatsinda ntibisaba umutahe wumurengera ariko gikuru ni ishaka.

M.N: Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground ufashwe mumugongo na USAID

 

Verified by MonsterInsights