MANIRAREMA Venansi: aremeza ko gukora ibikorwa bisa naho vyahariwe abakenyezi nko guteka, kuvoma gukubura n’ibindi bidatuma umugabo atakaza icubahiro ahubwo nyabuna bituma urugo rugira iteka ndetse rukanatera imbere. »

MANIRAREMA Venansi, aremeza ko gukora ibikorwa bisa naho vyahariwe abakenyezi nko guteka, kuvoma gukubura n’ibindi bidatuma umugabo atakaza icubahiro ahubwo nyabuna bituma urugo rugira iteka ndetse rukanatera imbere. »

« Nitwa MANIRAREMA Venansi, nkaba mba mu gacimbiri Côgo, umutumba Mushitsi, zone Buye. Ibikorwa bijanye no guteka, kuvoma, gukubura n’ibindi vyo mu rugo ndabikora cane si ukuvuga ngo ndabikora umugore agwaye canke adahari, ariko ndabikora mu ntumbero yo gufashanya n’uwo twubakanye. Ntibintera isoni kubikora kuko mubisanzwe n’uko vyabwirizwa kumera ; none ko umugore ari umufasha yomfasha mu vyo nanje ntakora !!!?

Burya mu rugo ikiza imbere ya vyose ni ikiyago kuko nico kivyara umwumvikano no gushira hamwe ntihabe ugutanatanako ibikorwa  mwese mugakorera mu bumwe.

Ingene vyamujemwo…

« Jewe nakuriye mu muryango turi abahungu benshi n’umukobwa umwe, abavyeyi batureresheje gukora ibikorwa vyose. Jewe no gukubura narakubura kandi n’ubu ndabikora.Nyuma Mama yarapfuye, data nawe yari ashaje ariko nobamenyesha ko ataco yamburanye nakomeje kumubungabunga ntiyabura utwo atamira kandi no mu rugo ntihasiba narakubura ngatunganya vyose neza. Ivyo vyaramfashije naho mariye kwubaka urwanje sinigeze ntereranya umufasha wanje ibikorwa kandi aranabinyubahira akanabinkundira.

Uko mu kibano bamubona…

Mbere, mu kibano ntibantahura, hari n’abagerageza  kunyosha nabi banyereka ko nisuzuguza imbere y’umugore nanje nkabamirira kure kuko bitari ivyo nize muri uwo mwanya nkabereka ahubwo ko aribo bakwiye guhinduka.Nagira nkumenyeshe ko hari abo twubakiye rimwe bajanye nyabahururu mu kwumvira ababahanura nabi ko ata gukora ibikorwa vy’abagore ingo zabo zahungabanye kiretse abahavuye bihanura mu nyuma umutekano uragaruka mu ngo zabo.

MANIRAREMA Venansi arahanura abandi bagabo…

Ba sogokuru barayamaze batiː »Nyamubura ikimuhanura niwe nyamubura ikimuhamba ».Ni ukuri ndahanura nivuye inyuma abagabo bagifise agatima ko gutererana ibikorwa vyo mu rugo abagore babo ko bovavanura n’iyo ngendo mbi, kuko ugufashanya ibikorwa vyose vyo mu rugo bituma urugo rugira iteka kuko burya ubukene burasuguza. Erega burya ikivi gikukijwe na babiri sico kimwe n’igikukijwe n’umuntu umwe. Vyongeye umwanya umugabo n’umugore bamarana bariko barafashanya udukorwa bawuganiriramwo twinshi dukomeza urugo.

Ikindi nohanura abagabo ni ukugisha inama abafasha babo kukijanye n’imigambi bifuza kurangura kandi bagaha agaciro ivyiyumviro abafasha babo babaterera. Nibutse ko amase yakera atagihoma urutaro, ugutana ibikorwa vyo mu rugo abo twubakanye bisubiza inyuma iterambere ry’urugo mu gihe ugufashanya bituma urugo rutera imbere ndetse rukagira iteka.

M.N : Iyi nkuru yakozwe biciye mu mugambi # TUYAGE wishirahamwe Search For Common Ground in Burundi ufashwe mumugongo na # USAID .

Verified by MonsterInsights