Ubugabo nyabwo,uburyo bwiza bwo kurwanya amabi afatiye ku gitsina

Ubugabo nyabwo,uburyo bwiza bwo kurwanya amabi afatiye ku gitsina

Kuva igenekerezo rya 25 Munyonyo gushika kuwa 10 Kigarama hari isekeza ry’imisi 16 yahariwe ukurwanya amabi ashingiye ku gitsina.Inkurikizi zayo mabi ni nyinshi haba kuwayakorewe,umuryango wiwe ,igihugu ndetse n’isi yose.Ni muri iyo ntumbero kuwa kane igenekerezo rya 30 munyonyo 2022 CENAP ,ikigo cishinze kubura no gukinga amatati catunganije ikiganiro muri Kaminuza y’uburundi kugira ngo urwaruka ruri mu mashure rumenye iyo ngorane.

Si agaseseshwarumuri,ihohoterwa rifatiye ku gitsina ririho mu gihugu.Ikigo Seruka kimenyesha ko ku kwezi cakira abantu ijana(100) bakorerwa amabi ashingiye ku gitsina.Nayo umugambi  w’igihugu ujejwe kurwanya amabi afatiye ku gitsina abayakorerwa 1/4ari abana batarakwiza imyaka 18.Nkuko tubisanga muri uwo mugambi nyne,mu bakorerwa ayo mabi,ibice 97% ni abakenyezi n’abigeme ,ibice 3% navyo bikaba bigizwe n’abagabo hamwe n’abahungu.

Abagabo nyabo,intwararumuri mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina

Mu kiganiro co kuri uno wa kane catunganijwe n’ikigo cenap gishigikiwe n’ubumwe bwa buraya mu Burundi .Claude Bochu aserukira iryo shirahamwe avuga ko ubugabo nyabwo ari imvugo nshasha ijanye n’amajambere mu vyo gukingira agateka ariko ko bwamyeho ikivyerekana ni uko hari abagabo babugendera ariko ku bwiwe hari n’abandi batabuzi .Niho bikoranya abantu ngo babivuge mu ntumbero yo gusangira ikiyago cubaka.

Kubwa Liberate Nakimana,umuyobozi w’ikigo CENAP igituma bikwiye ko bivugwa ni uko ibitigiri bivuga amabi ashingiye ku gitsina biguma biduga ku musi ku musi.

Amabi afatiye ku gitsina ari mu migwi myinshi

Hari amabi akorwa ugasanga uwuyakoze ntazi ko ahohoteye mugenzi we.Canke uwuyakorewe ntamenye ko agateka kiwe gahungabanijwe.Bivugwa na Jacques Nshimirimana,umu commissaire muri CNIDH.Afatiye akarorero ku mugigwa wo gushinga amashiga.

Ku bwiwe mu muco w’ikirundi,ugushinga amashiga ni hamwe abageni baba bamaze imisi mike bubakanye maze umugabo akitandagaza ku mukenyezi kugira akamukubita naho  nyene ata kosha yoba yakoze.

Abikoze uko n’abandi bose baramenya ko yashinze amashiga.Baraheza bakamwemera ko ari umugabo abushitse.Nkuko Nshimirimana abisigura,nkaho hari umugabo adatahura ko ahohoteye umugore wiwe nkuko nyene hari n’abagore badatahura ko iyo migenzo ibakurako agateka.Uwo ajejwe agateka ka muntu abona ko inyigisho n’ibiganiro kuri ivyo zikwiye kugwizwa.

Ukwigisha umwigeme ni ntangere mu kurwanya ayo mabi

Muri ico kiganiro gihuza urwaruka rutandukanye co kuri Uno wa 4 muri campus Mutanga, umushingamateka Emmerance Bucumi avuga ko umukenyezi wa kera ivyatuma ahohoterwa cane harimwo ko atanakimwe yazanana mu rugo,vyose akabisaba umugabo uwo nawe yarabifatirako mu kumurenganya .

Ariko umukenyezi yize amashure akaronka akazi,aba afise ico aterera mu muryango.Si wawundi yaka vyose umugabo .Emmerance arashima ko hari intambwe iboneka mu guhindura iyo ngendo.Agasaba abigeme kwiga amashure bashizeko umwete kugira bazobe abakenyezi bazima muri kazoza.Kugira bizogende neza,uwo yatowe n’abanyagihugu abona ko izo nyigisho zotangwa kuva mu muryango,utwana duto duto tugakura tuzi ko abakobwa n’abahungu bangana.Aho umuvyeyi nawe yobigiramwo uruhara cane mu kubaha ibikorwa ata gutandukanya.

Mwomenya ko ubumwe bwa buraya buzotanga inyigisho zerekeye ubugabo nyabwo ku bagabo 100.000 mu mwaka w’i  2023 buca utangura.

#TUYAGE

 

Verified by MonsterInsights