Fellowships

Geneviève Icoyitungiye: Nahora ndi umupangayi none ubu ndapangishije kubera kudandaza irengarenga n’intore

Nahora ndi umupangayi none ubu ndapangishije kubera kudandaza irengarenga n’intore Akenshi muri quartier turakunze kwumva abatembereza ivyo kurya ku mutwe .Bamwe wumva bavuga ngo : »za ntore za ntore,za rengarenga za rengarenga…. ».Umuryango wa Jean Ntawe na Geneviève Icoyitungiye babikoze imisi itari mike.Kubera babikoranye umwete Ubu bakorera mu kibanza,baguze parcelle ku Mugoboka kandi i ruhande yo gutunga […]

MPAWENIMANA Jean Pierre : Aremeza ko atanguye gushigikira umugore wiwe mu kumufasha ibikorwa bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa vyatumye batera intambwe mw’iterambere ry’urugo.

MPAWENIMANA Jean Pierre : Aremeza ko atanguye gushigikira umugore wiwe mu kumufasha ibikorwa bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa vyatumye batera intambwe mw’iterambere ry’urugo. Uko ubwa mbere yabitahura… “Nitwa MPAWENIMANA Jean Pierre, mba ku mutumba Kididiri, agacimbiri Kididiri muri Komine ya Busiga. Vyukuri ntibesheye ubwa mbere jewe sinatahura na gatoya umugabo ateka, aterura umwana, n’ibindi bikorwa nyene […]

NSHEMEZIMANA Pascal : aremeza ko kuvavanura n’imico n’imigenzo ituma abagabo badafasha abagore babo ibikorwa vyo mu rugo bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa bituma mu rugo haba umwuvikano n’iterambere.

 NSHEMEZIMANA Pascal : aremeza ko kuvavanura n’imico n’imigenzo ituma abagabo badafasha abagore babo ibikorwa vyo mu rugo bisa nk’aho vyahariwe abagore gusa bituma mu rugo haba umwuvikano n’iterambere.   Icamuteye kubona ko bikenewe… « Nitwa NSHEMEZIMANA Pascal nkaba mba muri Komine Busiga, zone Mihigo, umutumba Kididiri, agacimbiri Kasenyamisange-Kamigara. Jewe nakunze mbona nyene mu kibano abagabo benshi badafasha […]

Claudette Nshimirimana umukenyezi:Umukenyezi arongoye Cooperative Akaranga Gitega

Claudette Nshimirimana umukenyezi wo muri karitye nyabisindu komine n’intara ya gitega arubatse akaba afise abana batanu,ninawe arongoye association AFADD(association des femmes appliquées pour un développement durable) ifasha gushiraho no gukurikirana amakoperative aho aza yaratanguje Cooperative Akaranga Gitega. Claudette Nshimirimana aratubwira uko yatanguye: Claudette Nshimirimana avuga ko yiyumviriye gushiraho AFADD kuko ngo naho abakenyezi baja hamwe […]

Iterambere rirama ritangurira mu gutez’imbere umukenyezi

Iterambere rirama ritangurira mu gutez’imbere umukenyezi. Umukenyezi niwe nkingi y’iterambere mu bisata bitandukanye haba mu mibano,amagara y’abantu,ubutunzi canke ibindi.Kukaba nkako niwe inarugo,iyo abayeho neza birabonekera kubo mu nzu bose guhera kw’isuku,ugufungura neza ,ubumenyi n’ibindi.Kugira umukenyezi ashikire iryo terambere igihugu kiratanga intumbero nyamukuru ariko umugabo mu rugo niwe mushinge wa vyose,niwe mugabo-karorero .Muri ino nkuru turabire […]

MANIRAREMA Venansi: aremeza ko gukora ibikorwa bisa naho vyahariwe abakenyezi nko guteka, kuvoma gukubura n’ibindi bidatuma umugabo atakaza icubahiro ahubwo nyabuna bituma urugo rugira iteka ndetse rukanatera imbere. »

MANIRAREMA Venansi, aremeza ko gukora ibikorwa bisa naho vyahariwe abakenyezi nko guteka, kuvoma gukubura n’ibindi bidatuma umugabo atakaza icubahiro ahubwo nyabuna bituma urugo rugira iteka ndetse rukanatera imbere. » « Nitwa MANIRAREMA Venansi, nkaba mba mu gacimbiri Côgo, umutumba Mushitsi, zone Buye. Ibikorwa bijanye no guteka, kuvoma, gukubura n’ibindi vyo mu rugo ndabikora cane si ukuvuga ngo ndabikora umugore agwaye […]

KARIRAMAGURU Déo : Ugukora ibikorwa vyo mu rugo (Guteka, Gusatura inkwi,kuvoma) abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo.

KARIRAMAGURU Déo : Ugukora ibikorwa vyo mu rugo  (Guteka, Gusatura inkwi,kuvoma) abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo. Mu mico y’ikirundi, amazina bita umukenyezi arerekana ko gukora ibikorwa vyo mu rugo (guteka,gusatura inkwi,kuvoma n’ibindi) biraba umukenyezi aha twovuga: umunyakigo, umuzezwanzu n’ayandi. Iyo hagize umugabo ashigikira umugore wiwe mu kurangura ivyo bikorwa hari abatabitahura,bakabifata nk’aho atajambo agira mu rugo, […]

Daphrose Niyonzima: Umukenyezi asanzwe akora umwuga wo gukora ama telefone

Abakenyezi barashoboye imyuga imenyerewe gukorwa n’abagabo. Daphrose niyonzima umukenyezi aba mu ntara ya gitega umutumba nyarusange akaba amaze imyaka ibiri yubatse akaba afise umwana umwe. Daphrose niyonzima asanzwe akora umwuga wo gukora ama telefone umwuga yatanguye kuva mu mwaka wi 2019,avuga ko yiyumviriye uwo mwuga kubera asanzwe yari yize ibijanye nuwo mwuga (informatique de télécommunication) […]

Jinama Edwige ni umwigeme arongoye ishirahamwe ryubaka amazu asanzwe hamwe n’amagorofa

Jinama Edwige ni umwigeme arongoye ishirahamwe ryubaka amazu asanzwe hamwe n’amagorofa. Indoto yiwe ni ukubona igisagara cubatswe mu buryo bwubahiriza ibidukikije.Ahamagarira abandi bakenyezi gukura amaboko mu mpuzu batahure ko babwirizwa kwunganira abagabo babo biciye mu kugwiza ibikorwa ata gucagura kuko akazi gato karashobora kuvamwo akandi kanini. Ikinyamakuru Burundi Jobs caragendeye Edwige Jinama ,umuyobozi wa Jinama […]

Diane Ndayishimiye :umukenyezi akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu n’imodoka taxi

Diane Ndayishimiye :umukenyezi akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu n’imodoka taxi.   Diane Ndayishimiye , umukenyenzi  w’ imyaka 32 aba muri quartier Rusuguti mugisagara ca Ngozi. Umuvyeyi w’abana 3, asanzwe akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu kw’ibarabara rya Ngozi-Gitega .Avugako abimazemwo imyaka 2 . Mukwinjira muruyo mwuga yari ashomereye igihe kinini vyose. Ivyakeneye vyose akabizera […]
Verified by MonsterInsights