TUYAGE

Claudette Nshimirimana umukenyezi:Umukenyezi arongoye Cooperative Akaranga Gitega

Claudette Nshimirimana umukenyezi wo muri karitye nyabisindu komine n’intara ya gitega arubatse akaba afise abana batanu,ninawe arongoye association AFADD(association des femmes appliquées pour un développement durable) ifasha gushiraho no gukurikirana amakoperative aho aza yaratanguje Cooperative Akaranga Gitega. Claudette Nshimirimana aratubwira uko yatanguye: Claudette Nshimirimana avuga ko yiyumviriye gushiraho AFADD kuko ngo naho abakenyezi baja hamwe […]

Iterambere rirama ritangurira mu gutez’imbere umukenyezi

Iterambere rirama ritangurira mu gutez’imbere umukenyezi. Umukenyezi niwe nkingi y’iterambere mu bisata bitandukanye haba mu mibano,amagara y’abantu,ubutunzi canke ibindi.Kukaba nkako niwe inarugo,iyo abayeho neza birabonekera kubo mu nzu bose guhera kw’isuku,ugufungura neza ,ubumenyi n’ibindi.Kugira umukenyezi ashikire iryo terambere igihugu kiratanga intumbero nyamukuru ariko umugabo mu rugo niwe mushinge wa vyose,niwe mugabo-karorero .Muri ino nkuru turabire […]

KARIRAMAGURU Déo : Ugukora ibikorwa vyo mu rugo (Guteka, Gusatura inkwi,kuvoma) abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo.

KARIRAMAGURU Déo : Ugukora ibikorwa vyo mu rugo  (Guteka, Gusatura inkwi,kuvoma) abibonamwo inyungu nyinshi ziteza imbere urugo. Mu mico y’ikirundi, amazina bita umukenyezi arerekana ko gukora ibikorwa vyo mu rugo (guteka,gusatura inkwi,kuvoma n’ibindi) biraba umukenyezi aha twovuga: umunyakigo, umuzezwanzu n’ayandi. Iyo hagize umugabo ashigikira umugore wiwe mu kurangura ivyo bikorwa hari abatabitahura,bakabifata nk’aho atajambo agira mu rugo, […]

Daphrose Niyonzima: Umukenyezi asanzwe akora umwuga wo gukora ama telefone

Abakenyezi barashoboye imyuga imenyerewe gukorwa n’abagabo. Daphrose niyonzima umukenyezi aba mu ntara ya gitega umutumba nyarusange akaba amaze imyaka ibiri yubatse akaba afise umwana umwe. Daphrose niyonzima asanzwe akora umwuga wo gukora ama telefone umwuga yatanguye kuva mu mwaka wi 2019,avuga ko yiyumviriye uwo mwuga kubera asanzwe yari yize ibijanye nuwo mwuga (informatique de télécommunication) […]

Jinama Edwige ni umwigeme arongoye ishirahamwe ryubaka amazu asanzwe hamwe n’amagorofa

Jinama Edwige ni umwigeme arongoye ishirahamwe ryubaka amazu asanzwe hamwe n’amagorofa. Indoto yiwe ni ukubona igisagara cubatswe mu buryo bwubahiriza ibidukikije.Ahamagarira abandi bakenyezi gukura amaboko mu mpuzu batahure ko babwirizwa kwunganira abagabo babo biciye mu kugwiza ibikorwa ata gucagura kuko akazi gato karashobora kuvamwo akandi kanini. Ikinyamakuru Burundi Jobs caragendeye Edwige Jinama ,umuyobozi wa Jinama […]

Diane Ndayishimiye :umukenyezi akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu n’imodoka taxi

Diane Ndayishimiye :umukenyezi akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu n’imodoka taxi.   Diane Ndayishimiye , umukenyenzi  w’ imyaka 32 aba muri quartier Rusuguti mugisagara ca Ngozi. Umuvyeyi w’abana 3, asanzwe akora umwuga wo kunguruza abantu n’ibintu kw’ibarabara rya Ngozi-Gitega .Avugako abimazemwo imyaka 2 . Mukwinjira muruyo mwuga yari ashomereye igihe kinini vyose. Ivyakeneye vyose akabizera […]

Munyana Francine umudereva w’ ibimashini bikora amabarabara: atuyagira ingene akora ico gikorwa ahanini womenga cagenewe abagabo.

Munyana Francine umudereva w’ ibimashini bikora amabarabara: atuyagira ingene akora ico gikorwa ahanini womenga cagenewe abagabo. Mu myuga myinshi abigeme n’abakenyezi bakora harimwo bakeya bagendesha imiduga ariko tumenyereye banyonga imiduga mito mito. Ikinyamakuru Burundi Jobs caragendeye Francine Munyana  .Uwo mwigeme w’umurundikazi agira ati: »Kuba ndi umwigeme nkaba ndi muvyo gukoresha ibimashini bikora amabarabara ndabishima.Biramfasha kanatsinda ni […]

Abakenyezi bo mu ntara ya Gitega bariko bakora gute ibikorwa vyo kwiteza imbere?

Abakenyezi bo mu ntara ya Gitega bariko bakora gute ibikorwa vyo kwiteza imbere?   Mbwira yaganiriye n’Abakenyezi batatu ibasanze aho bariko bakorera imirimo yabo mu ntara ya Gitega, umutumba (Quartier) Magarama. Niyibigira Pascaline ni Umukenyezi mwirimizi afise abana batatu(3), aba muri komine n’intara ya Gitega ku mutumba (quartier) Magarama. Uwo mukenyezi avuga ko ataratangura akazi […]

Hakizimana spes cartas: Umupfasoni akora akazi ko kumwa imishatsi(salon de coiffure) ngo naho uwomwuga whiharije gukora abagabo ngo nabagore barabishoboye kubikora

Hakizimana spes cartas: Umupfasoni akora akazi ko kumwa imishatsi(salon de coiffure) ngo naho uwomwuga whiharije gukora abagabo ngo nabagore barabishoboye kubikora Hakizimana spes cartas umupfasoni wo kumutumba wa mukoro komine bugendana intara ya gitega amaze imyaka 11 yubatse akaba afise abana batanu akaba akora umwuga wo kumwa Abantu aho uwo mwuga ngo awumazemwo imyaka itatu […]

Musavyiwimana prudent : Gukora ibikorwa vyo munzu uri umugabo ngo  si ukuganzwa n’umugore.

#Masculinité positive Musavyiwimana prudent : Gukora ibikorwa vyo munzu uri umugabo ngo  si ukuganzwa n’umugore. Umushingantahe(Umugabo) yotegura umwana(umu bébé) agateka,akoza ivyombo kandi afise umufasha(umugore)? Musavyiwimana prudent wo muri karitye karera 1 komine n’intara ya gitega amaze imyaka ine yubatse akaba afise abana 2 asanzwe yaratahuye uruhara rw’umugabo murugongo kuriwe ibikorwa vyo kwoza umwana,gukoropa,guteka nibindi ngo birasanzwe.Arabikora […]
Verified by MonsterInsights